Umuyoboke wa RWASA Agathon yafashwe yagirizwa igitero cakozwe mu Nyamitanga

0

Uwitwa André HABIYAMBERE wo ku musozi Nyamitanga, zone Ndava, komine Buganda intara ya Cibitoke niwe yafashwe n’igiporisi mu matohoza ariko arakorwa, ku gitero cakozwe n’abantu bitwaje inkoho mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu w’iyi ndwi twaraye dusozereye.

Amakuru dukura mu muryango w’uwo yafashwe avuga ko bamwikeka ko yoba ari mu bateye aho mu Nyamitanga, ariko uwo muryango wiwe ukaba uvuga ko ariko ahorwa ivyiyumviro vyiwe vya poritike, kuko asanzwe ari umunywanyi w’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI ruyobowe na RWASA Agathon.

Uwo muryango ukaba usaba ko uwabo yorekurwa, ukagira amakenga ko Uwo André HABIYAMBERE ashobora kugirirwa nabi canke akicwa.

Tubibutse ko abantu bitwaje inkoho bateye ku kirindiro c’abasirikare b’Uburundi kiri i Nyamitanga, muri komine Buganda, intara ya Cibitoke, bagandagura abasirikare bane, hamwe n’abandi batandatu bakomeretse.