Umusirikare wese w-umurundi ari mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya ategerezwa kwicandagisha bidatevye ikiza ca Covid-19, uwuzobirengako nawe ntarekuriwe kubandanya akora akazi kamujanye. Vyatangajwe na Géneral de Brigade Elie Ndayizigiye batazira «Muzinga» arongoye «contingent» y-abarundi mu nama yabagirishije ku musi wa kabiri w-iy-indwi turiko tusozera. Mu nama y-abamukuriye muri AMISOM ngo bamaze imisi bamuremeye ko abasirikare b-uburundi babaye intambamyi mu kutirinda ikiza ca Covid-19 muri Somaliya.
Mw-iyo nama yagiranye n-abasirikare arongoye, Gén. De Brigade Elie Ndayizigiye yasiguriye abo basirikare ko naho Leta y-uburundi itemera urucanco rwa Covid-19, ko bategerezwa kwicandagisha kugira ngo bashobore kubandanya akazi muri Somaliya, nkuko abamukurira muri ico gikorwa co kugarukana amahoro n-umutekano babisaba. Akamenyesha ko abo bamukurira batangajwe n-ingene mu basirikare 1500, hicandagishijemwo abatarenga 70.
Abarongoye AMISOM bavuga ko abasirikare b-uburundi basigaye ari ikigega c-ikiza ca Covid-19 aho muri Somaliya. Ngo ntaho bazokwungururizwa na hamwe batakiriye urucanco rwa Covid-19 yaba uwurwaye canke uwakomeretse.
Gén. De Brigade Elie Ndayizigiye batazira «Muzinga» asaba abasirikare b-abarundi arongoye muri AMISOM kwicandagisha kuko atakundi bogira kuko akazi barimwo kabinjiriza amafaranga y-agaciro mu miryango yabo eka ndetse no mu gihugu ntikabaherane.





Recent Comments