Umushikiranganji wa mbere Alain Bunyoni arahakana ko atarudandazwa rw-abantu rubaho mu Burundi.

0

Imbere y-inama nshingamateka na Nkenguzamateka vy-uburundi mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atandatu aheze,umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko ari ugucapfuza ubutegetsi bw-uburundi kubera ko ngo kugira habe urudandazwa rw-abantu mu gihugu harabaho uwubadandaza hakabo n-igiciro hakabaho n-isoko ryabo.Le 1er Ministre présente le plan d'actions annuel du Gouvernement, exercice  2020-2021, devant le Parlement – SENAT DU BURUNDI

Kubwa Bunyoni ati ukutamenya kw-abarundi basanga biyitiriye amakosa badafise. Ikindi avuga nuko ngo mu barundikazi baguma baja  mu bihugu vy-abarabu atabona kubwiwe ikosa aho riri kuko baba bagiye kwihigira ubuzima gusa n-uko ngo bagenda mu kinyegero bakanakoresha impapuro z-amagendo iryo n-iryo kosa rikomeye abona rikorwa mw-abo bantu bajanwa mw-ivyo bihugu bikaza gutuma abo bana b-uburundi baza guturubikwa bakafatwa nabi.

Kubwa Pacifique Nininahazwe umwe mubaharanira agateka kazina muntu mu Burundi wewe yamirira kure kw-ivyo vyaraye bishishikirijwe na Alain Guillaume  Bunyoni ndetse akanabifata nk-ibinyoma bikabije kuko mu matohoza ishirahamwe FOCODE arongoye ryakoze mu mwaka w-2016 kw-abo barundikazi bajanwa mw-ivyo bihugu vy-abarabu nuko umurundikazi wese  ashikanywe mw-ivyo bihugu kubantu baba bamushikanyeyo bahabwa k-umurundikazi umwumwe amahera y-ama  Rial agera ku gihumbi ni ukuvuga agera hafi ku  miliyoni zitandatu z-amahera y-amarundi.Ikindi ngo n-uko harimwo  abategetsi bakomakomeye mu gihugu bafisemwo uruhara mw-urwo rudandazwa ufatiye k-ukuntu abo barundikazi boroherezwa cane ku kibuga c-indege ca Bujumbura no mu gipolisi kiraba ivy-imbibe PAFE mu gihe baba bajanywe mw-ivyo bihugu.Ivyo vyose bikakorwa habanje gutangwa amafaranga y- ibiturire menshi cane.

Mw-ayo matohoza ya FOCODE harerekanwa amagorwa y-abo barundikazi baba bagurishijwe babona=gukoreshwa ibikorwa vy-inguvu amasaha menshi cane, gukora ntibahembwe, kugurishwa incuro nyishi bagezeyo, kwakwa ibipapuro bibaranga  kugira ntibazotoroke, gukubitwa, gufatwa ku nguvu, kwicwa, n-ibindi.

Ikibabaje kubwa FOCODE nuko abo barundikazi baguma batabaza Leta y-i burundi ko yovugana n-ivyo bihugu barimwo bakagiriranira amasezerano y-akazi ukwo abo barundikazi boza bafatwa neza bakagira amategeko abagenga nk-uko bagenzi babo bo mubihugu vya Kenya, Uganda,… bafashwe neza bitumwe n-uko ibihugu vyabo bavamwo vyahagurukiye ico kibazo.Ariko Leta y-i burundi ikaba isa niyica amatwi kw-ako kamo k-abana bayo .