Umurwi CVR urahakana ivyo wagirizwa ko abantu bose uzura ubitiranya n-abahutu bishwe muri 1972.

0

Umurwi w-igihugu ujejwe kunywanisha abarundi CVR,urahakana ivyo umaze imisi wagirizwa  ko witiranya amagufa y-abantu uzura yose ukayitirira abahutu  bagandaguwe mu mwaka w-1972.Pictures] : Truth and Reconciliation Commission (TRC) in Mutobo/Giheta (Gitega Province) - RegionWeek

Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru ku wa kane w-indwi yarangiye , Umukuru w-uwo murwi  Pierre-Claver Ndayicariye  yemeza ko n-ubwo uwo murwi  arongoye uriko werekana  gusa ivyo utohoza ku mabi yakozwe ico gihe co mu 1972 n-ayabaye  mu bindi biringo utayibagira. Pierre-Claver Ndayicariye aremeza ko mbere n-ubwo uyu musi Leta yohagarika ibikorwa vya CVR,hoboneka icegeranyo rusangi gishimishije .

Mw-ico kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru, Uwo arongoye CVR yaradondaguye  intara uwo murwi  umaze kugiramwo amatohoza. Izo nazo ni :Karusi na Gitega, hagati na hagati hashira ubuseruko, Muramvyana Mwaro, hagati na hagati  mu gihugu, Bururi , Makamba na Rumonge  mu Bumanuko bushira uburengero , Muyinga na Kirundo  mu buraruko bushira ubuseruko hamwe rero no ku murwa mukuru w-ubutunzi i bujumbura.

Tubamenyeshe ko amwe mu mashirahamwe hamwe na bamwe mu banyepolitike ntibasiba kwagiriza uwo murwi ko uriko uryanisha abarundi mugukorera ku ruhande rumwe rw-abarundi kugira ushimishe umugambwe uri ku butegetsi iki gihe CNDD-FDD, ko nyabuna CVR yarikwiye  ibikoresho n-ubuhinga bwa none bugezweho kugira irangure neza ico gikorwa ata mw-idogo wa bamwe ubayemwo aha bakavuga nko gukoresha ubuhinga bwa Carbone-14, ubwo nabwo bwoza bufasha kumenya abariko bazurwa bishwe ryari? Bari bafise ibitsina nyabaki?.