Umurundi afise ubwenegihugu bwa Canada abicishije mu kinyamakuru IWACU amenyesha ko umukuru w-igihugu c-uburundi ariwe wambere azobazwa abahitanywe n-ikiza ca Covid-19 kuko ariwe yategerezwa gufata ingingo zisunga ivyirwa vy-abashakashatsi n-abahinga muvy-amagara y-abantu hakwumvira amabwire y-abamwegereye mu kurongora igihugu. Uwo murundi yiyita Samy Rubayi atanze ubwo butumwa mu gihe yaravuye mu Burundi mu buruhuko yaramazemwo ukwezi kumwe.
Mu buruhuko yamazemwo ukwezi mu Burundi, Samy Rubayi avuga ko yababajwe n-ukuntu abetegetsi b-igihugu c-uburundi hamwe n-abarongoye amasengero bafata ibisanzwe ico kiza ca Covid-19.Uwo murundi amenyesha kandi ko abana babaye impfuvyi kubera ikiza ca Covid-19 bazobaza umusi uri izina uwaramutswa igihugu igihe abavyeyi babo bitaba Imana nico uwo nawe yakoze kugira abakingire kandi atacari kibuze.
Uwo yemerewe gushira ivyiyumviro vyiwe ku kinyamakuru IWACU avuga ko naho yaraje mu gihugu mu ntumbero zo kuruhuka, ahubwo ko yatekewe n-ubwoba bitewe n-uko yabona abanyagihugu baguma barwa mu mporero kubera abategetsi b-uburundi baguma bica amatwi kubijanye no kurwanya ico kiza kibangamiye isi. Nk-uko tubisoma mw-ico kinyamakuru , uwo munyagihugu yaraneguye cane ingene abategetsi b-igihugu badatanga akarorero kubijanye no kwirinda Covid-19 , aha avuga ukuntu abo bategetsi badasiba gukoranya amanama hatubahirijwe ingingo zo kwirinda ico kiza. Akarorero ka hafi Samy Rubayi atanga ni ihuriro ryakoranije abakiristo igenekerezo rya 15 Myandagaro 2021 ,ihuriro ryitabiriwe n-abarongoye ishengero rya Ekleziya katorika hamwe n-abarongoye igihugu bo ku rwego rwo hejuru. Abakiristo baganiriye n-uwo murundi bamumenyesheje ko abarongoye amasengero batemera kuyugara ngo bakoreshe ubuhinga ngurukanabumenyi mu gusenga bitewe nuko ngo baba bashaka kwitoreza amashikanwa.
Nkuko ikinyamakuru IWACU kibandanya kivyandika, ikindi uwo murundi anegura nuko Leta y-uburundi idatanga umuco mu gutanga amakuru ajanye n-incanco ibituma abanyagihugu bajuragirika mu kutabona ivyo bafata nivyo bareka mu gihe abashakashatsi mpuzamakungu hamwe n-abajejwe ivy-amagara y-abantu kw-isi bose bemeza koi zo ncanco zizewe cane ko kandi n-ibindi bihugu bitandukanye vyo kw-isi bikaba vyaramaze kuzitanga. Ikibabaje kikongera kigasiga ubwenge kw-uwo murundi,ngo nuko abategetsi b-uburundi bobo babandanya baduza ibendera mu kwerekana ko izo ncanco batazemera na gato .
Mu gusozera nk-uko vyanditswe mu kinyamakuru IWACU, Samy Rubayi yibutsa Perezida Varisito Ndayishimiye ko ariwe yategerezwa gufata iyambere narirya umutekano w-abanyagihugu ariwe wambere ategerezwa kuwukingira, abanyagihugu biwe babangamiwe ngo niwe yategerezwa kubanguka guseruka mugufata ingingo zisunga ivyo abashakashatsi bashitseko. Ikindi Rubayi asaba umukuru w-igihugu c-uburundi ni ukwitabira akamo katewe na Papa Francisco aho aheruka gusaba abategetsi bose bo kw-isi guterera agacumu ku bumwe mu bijanye no gutanga incanco zikinga ikiza ca Covid-19.
Recent Comments