UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umugambwe CNL wankiwe guhimbaza isabukuru y’imyaka ine uvutse.

UBM News ads

Ibirori vyo kwigina imyaka ine irangiye umugambwe CNL wemerewe gukora , vyari bitegekanijwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2023 mu gisagara ca Bujumbura, vyahagaritswe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ivyo tubisanga mu rwandiko Martin Ninteretse yasohoye kuri uyu wa 17 Ruhuhuma 2023.
Muri urwo rwandiko, Umushikiranganji Ninteretse avuga ko mu mubonano yagiranye n’uwurongoye umugambwe CNL kuwa 15 Ruhuhuma, bumvikanye kubonana n’abagize ibiro bikuru vy’umugambwe “bavurwa ko bafise umugambi wo gusenyura inzego z’uwo mugambwe”.
Martin Ninteretse akemeza ko yahagaritse ivyo birori kugira baking imishamirano yohava yaduka aho bizobera no mu nzira abavyitavye bazocamwo.

Umugambwe CNL ubicishije ku rubuga rwawo rwa Tweeter , umenyesha ko abagize ibiro bikuru vy’uwo mugambwe barakoranye ku magenekerezo ya 17 na 18 Ruhuhuma 2023 kugira bace hirya no hino icuka kivurwa mu mugambwe. Bakemeza ko bamaze kwihweza ivyavuzwe kuri bamwe n’abandi basanze ari ibere ryayaze , baca barasabana imbabazi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments