Umugambwe CNDD FDD watanguje ukwezi kwitiriwe intwari ku rugamba

0

Umugambwe CNDD FD watanguje kuri uwu wa gatatu ihimbazwa ry’ukwezi kwahariwe intwari ku rugamba muri uwo mugambwe w’inkona.
Ibirori vy’ugutanguza ukwo kwezi vyabereye ku mutumba BUGA, komine Kayogoro, intara ya Makamba.

Muri CNDD FDD bamenyesha ko ico kibanza c’i BUGA catowe kubera ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariho yarasiwe, agakomereka cane, kandi ko n’amasezerano y’uguhagarika intambara hagati ya Reta n’umuhari wa FDD yateweko umukono mu gihe urugamba rwari rushushe aho i BUGA.

rebe

Ivyo birori vyari vyitabwe n’umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu, Pascal NYABENDA, icegera ciwe ca mbere Victor BURIKUKIYE hamwe n’abarongoye umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu.

Amakuru atangwa n’uburongozi bwa CNDD FDD amenyesha ko Uku kwezi kwa Munyonyo kwahariwe intsinzi muri CNDD FDD, kuko ariho haterwako umukono ku masezerano y’uguhagarika intambara hagati y’umuhari FDD na Reta yari ihari.

Ivyo birori vyatangujwe kuri uwu wa gatatu bizosozerwa ku munsi wa gatandatu muma komine yose agize igihugu c’Uburundi.