Ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwabonetse ubwa mbere muri Afrika y-epfo burahangayikishije isi.

0

Ubwoko  bushasha  bw-umugera wa Covid-19  bwaratowe mu ndwi iheze mu  gihugu ca Afrika y-epfo. Ubwo bwoko busha bwitwa «Omicrom» bukaba bumaze kuboneka no mu bindi bihugu vyo kw-isi nko mu bubirigi, mu bwongereza mu buhorande na Isirayeli hamwe n-ahandi,..What we know about the new omicron COVID-19 variant | The Japan Times

Ibihugu bitari bike bikaba vyatanguye gufata ingingo zijanye no kwiyunguruza mu ndege aho bikumira igihugu ca Afrika y-epfo , cadutsemwo uwo mugera musha.  Umukuru w-igihugu ca Afrika y-epfo Cyrille Ramaphosa yamenyesheje kuri uy-uw-Imana ko ababajwe cane no kubona ibihugu birenga cumi na bitanu  bihagarika ingendo z-indege ziva canke zija muri ico gihugu,banyagihugu bavuye mw-ico gihugu canke mu karere kirimwo bagafatirwa ingingo zidasanzwe.

Perezida Ramaphosa ati izo ngingo ntizisiguritse kandi ngo zikumira atafatiro ibihugu vyo muri afrika y-ubumanuko. Izo ngingo kandi zihungabanya ubutunzi bw-ivyo bihugu , bigatuma bidashobora kurwanya neza umugera wa Covid-19.