Ubutare bw-i Gakara: Abarundi boba bagiye baza babukura mu cibo?

0

Kubw-amakuru tukesha ikinyamakuru Theafricareport, kitumenyesha ko uwurongoye ishirahamwe Rain bow risanzwe ricukura y-amabuye y-agaciro ari I Gakara, yitezwe mu gihugu c-uburundi  mu ntango z-ukwezi kuza.May be an image of 2 people and people standing

Uwo arongoye isosiyete Rain bow , Georges Bennet azobe aje guhura n-umukuru w-igihugu c-uburundi Ndayishimiye Evariste amaze imisi yipfuza ko amasezerano iryo shirahamwe ryari rifitaniye na Leta y-uburundi asubirwamwo kugira abarundi bahungukire vy-ukuri inyuma y-imyidogo y-abamwe mu bategetsi b-uburundi yari riri kw-iryo shirahamwe.

Kubwa Theafricareport, kubona ayo mabuye y-agaciro ari inkewa kw-isi  kandi aronderwa cane bigeye gushira igihugu c-uburundi mu kibanza ciza c-inguvu zo gusubirishamwo ayo masezerano.  Ayo mabuye y-agaciro bita terres rares arakoreshwa cane mu gukora amasumaku aramba afasha mu kwatsa imiduga isanzwe ikoresha umuyagankuba  mu kibanza c-ibitoro. Sivyo gusa, ayo mabuye akenerwa mu bindi vyishi isi isanzwe iriko ikoresha iki gihe nk-amaterefone agezweho yitwa smart phones, umuyagankuba ukoreshwa n-umuyaga,….

Tubibutse ko amabuye y-agaciro y-I Gakara yabaye ayambere mumwaka w-2019  k-umugabane wa Africa yongera agira ay-icenda k-umugabane w-isi, aho amatoni 600 y-ubwo butare ariyo yacurujwe. Nk-uko vyatangajwe n-ikinyamakuru stastica.com