UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ubushinwa butangaza ko abantu 60.000 aribo bamaze kwicwa na Covid-19 mu kiringo kirenga gato ukwezi.

Igihugu c’ubushinwa caratangaje kuri uyu wa gatandatu igitigiri cababa 60.000 c’abantu bamaze kwicwa n’ikiza ca Covid-19 kuva kuwa 8 Kigarama 2022 gushika kuri uyu wa 12 Nzero 2023, ni igitigiri umuntu yovuga ko ari kinini ugereranije n’ibindi bitigiri vyagiye bitangwa mu bihe vyaheze.

Kuva aho ikiza ca Covid-19 cibonekereje mu mwaka wa 2019, Ubushinwa bwaguma butangaza gushika ubu ibiharuro vy’abishwe n’ico kiza birenga gato 5000, Igitigiri kiboneka ko arico cari gitoya cane ku mugabane w’isi yose.

Hagati y’amagenekerezo ya 8 Kigarama 2022 na 12 Nzero 2032, Igitigiri c’abishwe na Covid-19 mu bitaro bitandukanye vyo mu bushinwa cashitse ku 59.938 , vyatangajwe na Jiao Yahui , umuyobozi ajejwe ibibazo vy’ubuvuzi mu murwi w’igihugu w’amagara y’abantu. Urugero rw’imyaka y’abantu bapfuye ruri ku myaka 80,3, nkuko yabandanije abivuga.

Jiao Yahui yatangaje ko abantu 5.503 bapfuye bitewe nokubura ukwo bahema hamwe rero na 54.435 bishwe n’ivangwa rya Covid-19 hamwe n’izindi ndwara bari bagendana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments