Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya ikiza SIDA bumenyesha ko muri ino misi abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura basa n-abadebukiwe mu bijanye no kwirinda ikiza ca Covid-19. Inyuma y-uugendo yagize kuri uyu wa mbere, uwuramutswa ubwo bushikiranganji umuganga SylviE Nzeyimana yamenyesheje ko ibibanza bitandukanye vyo ku murwa mukuru w-ubutunzi bigenderwamwo n-abantu benshi, abanyagihugu bakitubahiriza amabwirizwa yo kwirinda umugera wa Covid-19 mu gihe ico kiza casubiye kurandagata ku rugero rudasanzwe .
«…Turamaze imisi tubona ibtigiri vy-abipimisha umugera wa Coronavirus harimwo abatorwa uwo mugera bawurwaye muri ino misi wiyongereye mu gihe twari tumaze amezi ivyo bitigiri vy-abatorwa uwo mugera ari bito. Twabonye rero ko hari ukudebikirwa mu bijanye no kwikingira ico kiza mu banyagisagara ca bujumbura» Niko umushikiranganji Nzeyimana Sylvie avuga.





Recent Comments