Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUbuserukizi bw’ubumwe bwa buraya mu Burundi bwizeye ko n’uburundi nabwo bugiye kuzoshigikira...

Ubuserukizi bw’ubumwe bwa buraya mu Burundi bwizeye ko n’uburundi nabwo bugiye kuzoshigikira Ukraine mu ntambara irimwo.

Ubuserukizi bw’ubumwe bwa buraya mu Burundi bumenyesha ko bufise icizere c’uko igihugu c’uburundi naco kizoteba kigashigikira uruhande rw’igihugu ca Ukraine mu ntambara kirimwo n’uburusiya. Claude Bochu aserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi yabitangaje kuri uyu wa gatanu inyuma y’amatora yabaye kuri uyu wa kane mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira hemezwe ingingo isaba uburusiya gukurayo ingabo zabwo mu gihugu ca Ukraine zimazeyo umwaka zirwanirayo.

Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo hamwe n’ imboneshakure ISANGANIRO, Claude Bochu yavuze ko kubona ibihugu vyinshi vyashigikiye ingingo isaba uburusiya gukurayo ingabo zabwo ziri kurwanira muri Ukraine, vyerekana ko uburusiya buriko buharirwa ivomo. Uwo aserukira ubumwe bwa buraya mu Buraya akizera ko n’igihugu c’uburundi naco kizoteba kigashigikira uruhande rwa Ukraine. Ambasaderi Bochu akavuga kandi ko ingaruka z’intambara Ukraine irimwo zashikiye isi yose n’uburundi burimwo.

Tubamenyeshe ko igihugu c’uburundi cashisemwo kutagira ico kivuze kw’iyo ngingo yemejewe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isaba uburusiya guhagarika intambara muri Ukraine.Ibihugu 141 vyarashigikiye iyo ngingo nayo 32 harimwo uburundi ntaco vyayivuzeko maze ibindi bihugu 7 harimwo uburusiya nyene birayihakana.

Must Read