Ubuserukizi bw-uburusiya mu Burundi buratanga umuco ku mpfu z-abanyeshure b-abarundi biga mw-ico gihugu.

0

Mu gihe hamaze imisi hibonekeza impfu zidasobanutse ku banyeshure b-abarundi biga mu gihugu c-uburusiya, Ubuserukizi bw-ico gihugu mu Burundi buheruka gutanga ivyavuye mu matohoza kw-izo mpfu.Décès des étudiants burundais en Russie, son ambassade à Bujumbura sort du  silence – IWACU

Kuvyerekeye impfu z-abanyeshure Prosper Hitimana na Prosper Harerimana , Ubwo buserukizi mu matohoza yabwo bwakoze bumenyesha ko abo banyeshure b-abarundi bapfuye bitewe n-uko batwawe n-amazi mugihe bariko baroga.

Kubijanye n-igandagurwa rya Jolivet Makoroka, Ubwo buserukizi buvuga ko amatohoza akiriko akorwa n-umurwi udasanzwe muvyo gutohoza wo mw-ico gihugu. Mukurangiza, Ubuserukizi bw-igihugu c-uburusiya buvuga ko bwiyemeje gushira inguvu mu gukingira abarundi basanzwe baba mw-ico gihugu.