Igihugu c-uburusiya kiraburira ibihugu vya buraya hamwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika ko ibirwanisho ivyo bihugu biriko bitanga kuri Ukraine bishobora kugabwako ibitero umwanya n-umwanya n-ingabo z-uburusiya . Vyatangajwe n-icegera c-umushikiranganji w-uburusiya ajejwe imigenderanire n-ayandi makungu, Sergei Ryabkov.:format(jpg):focal(1275x858:1285x848)/cloudfront-eu-central-1.images.arcpublishing.com/ipmgroup/72Q2U3VXMFHTVDVEBNMRXWXWUY.jpg)
Ryabkov avuga ko gukomeza gufasha ukraine bayiha ibirwanisho ari agasotoro ku buryo isaha n-isaha ingabo z-uburusiya zishobora gutangura kurasa ahabitse ivyo birwanisho bimaze imisi biriko bitangwa n-ibindi bihugu.
Naho Uburusiya bugabisha ivyo bihugu, Leta Zunze ubumwe za Amerika ibicishije ku nama nkenguzamateka yayo yemeje kuri uyu wa kane ubufasha bwa gisirikare bungana imiriyaridi 6.5 z-amadorare agenewe gufasha igisirikare ca Ukraine. Mu misi iheze ya vuba, umuryango w-ubumwe bwa buraya nawo waremeje imiriyoni 450 z-amafaranga y-abanya buraya yo kugura ibirwanisho bifasha igisirikare ca Ukraine kugira cirwanire ku ntambara kirimwo n-uburusiya.





Recent Comments