uburundi bwahomvye imiriyaridi 54 z-amarundi m-urwubako rw- urugomero rw-umuyagankuba ku ruzi Mpanda.

0

Kuri uyu wa 15 Gitugutu 2021, Niho umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yakora urugendo muri komine Musigati  ku mbibe z-intara za Muramvya, Kayanza na Bubanza, ahariko hubakwa urugomero rw-umuyagankuba  rwa Mpanda.  Ivyo bikorwa bikaba vyatanguye mu mwaka w-2011  maze biza guhagarara mu mwaka w-2016  urwo rugomero rutarahezwa kwubakwa. Ni mugihe ibikorwa vyo kurwubaka vyari bitegekanije ko vyorangiye mu mwaka w-2022. Gushika ubu, inyubakwa zimwe zimwe zikaba zimaze kubomoka.Image

Naho biri ukwo, Uwo mugambi wo kwubaka urwo rugomero watwaye imiriyaridi 54 z-amafaranga y-amarundi , ivyatumye umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko amaramajwe no kubona imiriyaridi 54 zisohoka ata kintu kizima cakozwe. Mu majambo magufi yavuze uku:

ˮNi akamaramaza! Na jewe ndamaramaye nk-uwuserukira igihugu‟

Perezida Ndayishimiye amenyesha ko naho urwo ruhombo rwahabaye, uwo mugambi wo kwubaka urwo rugomero utarota uhebwa.

ˮNi akamaramaza! Ayo mahera ntituzoyaheba. Bategerezwa kuyariha , kandi umugambi  wo kwubaka urwo rugomero urabandanya ntituzowuheba , uzobandanya ‟ Niko  Varisito Ndayishimiye asigura biboneka ko yarashavuye cane.

Umukuru w-igihugu Vrisito Ndayishimiye asaba umushikiranganji muvyo bujejwe harimwo masoko ntanga nguvu  ko mu ndwi zibiri  boba bamushikirije icegeranyo c-ivyononekariye mw-ivyo bikorwa hamwe n-abantu babigizemwo uruhara.