Uburundi busaba Urwanda ko rwotanga abateguye gutembagaza ubutegetsi uhereye kuri Godefroid Niyombare.

0

Umushikiranganji wambere Alain-Guillaume Bunyoni avuga ko imigenderanire iri hagati ya Leta y-uburundi hamwe n-ighugu c-urwanda itaragenda neza kuko ivyo basavye urwanda  ko rutanga abakoze itembagaza ry-ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 ko nubu rutarabishitsa.Le général godefroid Niyombare : Coup d'Etat - YouTube

Alain Guillaume-Bunyoni yabivuze  kuri uyu wa kane mu gihe yariko yishura ibibazo vy-abamenyeshamakuru kubijanye n-ibimaze kurangurwa n-ubushikiranganji arongoye. Alain-Guillaume Bunyoni yavuze ko abari bateguye gutembagaza ubutegetsi  mu mwaka w-2015 uhereye kuri Gen. Godefroid Niyombare bafise amakuru yizewe ko bibereye mu gihugu c-urwanda.

ˮGuhera kuri General Godefroid Niyombare bashikiye mu Rwanda bakirwa nk-abami , ivyo birazwi. Ntaco bokora harya mu Rwanda ngo bavuge ngo twebwe abarundi ntitwokimenya kuko dufiseyo incuti, tuvuga ururimi rumwe,ivyo rero ni ibintu bisanzwe bigaragara‟ Niko Bunyoni yavuze ariko yishura ibibzo vy-abanditsi n-abamenyeshamakuru . Alain-Guillaume-Bunyoni arongera akibutsa ko ivyo bihugu bibanyi kwari bibiri ataho bizoshirana ko vyanka vyemera bitegerezwa  kubana mu mahoro kuko ntakizokwimura ikindi.

Tubamenyeshe ko  haciye imisi hariko haboneka iterwa ry- intambwe ku mpande zose yo kunagura imigenderanire yatosekaye kuva mu mwaka w-2015.Ivyo  umuntu abivuga  afatiye ku rugendo umushikiranganji wa mbere w-urwanda Edouard Ngirente yaheruka gukorera mu Burundi mu gihe ico gihugu cigina imyaka 59 ihaciye cikukiye, haibagiwe itangwa ry-abarwanyi 19 b-umuhari RED-TABARA kuri Leta y-uburundi bari bafatiwe ku butaka bw-urwanda hatibagiwe n-urugendo rw-uwurongoye intara ya Kayanza,iri mu buraruko bw-igihugu c-uburundi yaheruka gukorera mu gihugu c-urwanda  mu ntara y-amajepfo y-ico gihugu. Aba buramatari bivyo bihugu bakaba barashimye ku ntambwe igezweko mw-inagurwa ry-imigenderanire y-ibihugu vyabo.