Amatora yo mu mwaka wa 2020 yatumye hashirwaho inzego zikomakomeye zihari mu Burundi yaranzwe no guhonyaga umwidegemvyo w’abanyagihugu muvya politike hamwe no guhengama. Ivyo biri mucegeranyo ciswe «umwidegemvyo kw’isi» co mu mwaka wa 2022 aho ishirahamwe Freedom House riha igihugu c’uburundi inota 1 kuri 16 mu bijanye n’ukwo amatora atunganywa.
Uburundi bufise inota rimwe kuri 4 ku kibazo ishirahamwe Freedom House yasuzumye kijanye no kumenya nimba ko umukuru w’igihugu ahari iki gihe yoba yatowe biciye mu matora ari mu mwidegemvyo hamwe no kudahengama. Mu cegeranyo c’uno mwaka wo mu 2022 , Freedom House isigura ko guhiganirwa ico kibanza vyaranzwe no gucinyiza bimwe bidasanzwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi , ibikorwa umurwi wa ONU ujejwe amatohoza wemeje ko vyafashijwemwo n’abakozi b’iperereza, abapolisi hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Muri ako gace nyene, Freedom House inegura ko ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD bwase ko abarorerezi mpuzamakungu bakore igikorwa cabo muri ayo matora.
Freedom House iributsa kandi ko amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2020 yiyamirijwe n’umugambwe CNL wavuga ko yabayemwo ubusuma naho sentare ijejwe gukurikirana iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro yoyo yahavuye yemeza ko ivyayavuyemwo.
Kubijanye n’amatora yashizeho inama nshingamateka, iryo shirahamwe riha uburundi amanota ubusa kuri 4. Iryo shirahamwe rishimikira ku kuntu abashingamateka bagize urwo rwego harimwo 100 hamwe na 23 bagenywe kugira mu nama nshingamateka abahutu batware ibice 60% vy’abagize urwo rwego, abatutsi nabo basigarane ibice 40%. No ku ruhande rw’inama nkenguzamateka , Freedom House iravuga ko abo batatowe biciye ku banyagihugu aho hejuru yabo hongerwako batatu bavuye mu bwoko bw’abatwa. Vyongeye, iryo shirahamwe riravuga kandi ko amatora y’abashingamateka yaranzwe no gutoteza abatavuga rumwe n’ubutegetsi , rikavuga kandi ko abagize inama nkenguzamateka nabo batatowe n’abanyagihugu bonyene ubwabo.
Ku kibazo co kumenya nimba amategeko agenga amatora yubahirizwa n’inzego zijejwe kuyatunganya , Freedom House ryongera kandi guha uburundi amanota ubusa kuri 4, rikakuva ko umurwi ujejwe gutunganya amatora ukorera mu kwaha kw’ubutegetsi kandi wategerezwa kwigenga ugatunganiriza bose abahiganywe.
Recent Comments