Tanzaniya= Perezida Samia Suluhu Hassan aje azanye impinduka zikomeye ndetse zashimishije benshi.

0

Mw-ijambo yashikirije kuruwu wa kabiri, umupfasoni Samia  Suluhu Hassan  yerekanye ko atashaka bimwe bimwe vyakozwe k-ubutegetsi bw-umuhisi Magufuli ariko kuca abihindura ku neza y-aba tanzaniya bose be no ku gihugu .Tanzania's Magufuli remains absent, so will VP Samia Hassan Suluhu take over?

Murivyo vyahinduwe harimwo=ukunagura imigenderanire n-amahanga, ukwugurura ibinyamakuru vyose vyari vyarahagaritswe  k-ubutegetsi bw-uwo yasubiriye , kwiga ku kibazo c-ukuntu hagiye kurwanywa ikiza ca Covid19 , ico umuhisi perezida Magufuli yama yafashe minenerwe, ukurekurira  abanyamitahe mpuzamakungu bakaza  gukorera mu gihugu.

Kuvy- ikiza ca Covid19, Perezida Samia yavuze ko aba Tanzaniya batobandanya bikumira mu kwitwara nk-akazinga kari mu ruzi ko bategerezwa gukorerahamwe n-amahanga mukurwanya ico kiza ca covid19. Eka no ku kibazo co kunagura imigenderanire n-amakungu, Samia yategetse umushikiranganji w-imigenderanire Liberata Mulamula  gusanasana imigenderanire n-ayandi mahanga nakare ngo nta gihugu coba nyamwigendako imigenderanire niyo nzira yonyene ishoboka.

 

Bamwe n-abandi bati igihugu ca Tanzaniya kigire kisubire k-umurongo kuko vyasa nibiboneka ko cari carikumiye mu migenderanire y-ibindi bihugu, cari igihugu kisigaye kivurwamwo ivy-ihonyanga ry-uburenganzira bwa kiremwa muntu ndetse n-ihonyangwa ry-ubwigenge bwo kumenyesha makuru.

 

Tunabibutse kandi ko kubona ubutegetsi bw-umuhisi John Pombe Magufuli bwarafashe minenerwe ivy-ikiza ca covid19 vyatumye ico gihugu kisa nikihariwe ivomo mu bindi bihugu vyo kw-isi.