Sunday, September 25, 2022
HomeInternational newsTanzaniya: Indwara itaramenyekana ituma abantu bava umuna bakanarwa hasi yateye mw'ico gihugu.

Tanzaniya: Indwara itaramenyekana ituma abantu bava umuna bakanarwa hasi yateye mw’ico gihugu.

Indwara itaramenyekana ituma abantu bava umuna mu mazuru maze bakarwa hasi yarateye mu gihugu ca Tanzaniya neza na neza mu bumanuko bw’ico gihugu. Na Perezida Samia Suluhu yaremeye ko iyo ndwara ihari.nosebleed data

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Mu nama igira 20 y’urwego  rw’abasenyeri katolika bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko no hagati  iriko ibera i Dar es Salaam, Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, umupfasoni Samia Suluhu yaremeye ko iyo ndwara ihari ariko ntiyavuze igitigiri c’abamaze kuyandura ariko ko ari benshi baguma bafatwa uruhererekane muri ako karere gahana urubibe n’igihugu ca Mozambique.

Abanyagihugu batuye mw’utwo turere two mu bumanuko bwa Tanzaniya bavuga ko bari babanje kugira ngo ni umwuna , ariko baza gusanga atariwo  kuko umuntu ufashwe n’iyo ndwara  ahita yikubita hasi maze agatangura kuva amaraso mu mazuru.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...