UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Tanzania: wa mwana yapfa ariko akongera akazuka uno musi yavuze ibintu biteye ubwoba !

Murino misi iheze, muri Tanzania mu gace bita Geita, hari inkuru y’umwana ” Shabani Maulid ” wimyaka (15) vyunvikana ko yari yarapfuye inyuma y’imyaka 3 iheze ariko yagiye kubonekana akomeye ari muzima kandi abantu benshi bari bazi ko yapfuye.

umwana

Ico kintu co kuzuka kuyo mwana cateye ubwoba abantu benshi baherereye murako gace ka Geita bityo benshi mu bantu bakaba bari bipfuza kumenya ikintu cateye uwo mwana kuzuka kandi yari yarahambwe mu mwaka wi 2011.

Nkuko tubitangarizwa nikinyamakuru ”MWANANCHI ”gikorera muri Tanzania, bo bavuga ko ibibazo abantu benshi bari bipfuza kumenya ko bitabashijwe kwishugwa bitewe nuko urya mwana yazutse ko atashobora kuvuga neza ariko ubu ngo yatanguye gutora mitende kuko arashobora kwishura ibibazo bimwe bimwe abazwa n’abantu batandukanye.

Shabani Maulid rero nibwo bwambere avuze ivyamubayeho kuva azuka kandi nubwo avuga ivya mubayeho hariho bimwe abazwa ntavyishure bivanye nuko avuga yuko mugihe agiye kubivuga ko bica vyanka kwavuga.

Uno mwana yazutse ubwiwe avuga ko yibuka yuko mu kwambere mu 2011 ” ko yavuye murugo aja kuragira impene ariko gatoya ngwariko araragira yaje kubona abantu benshi bamukikuje, Murabo bantu bari bamukikuje ngo harimwo umugore yaciye amufata ukuboko baragenda ariko uyo mwana ntiyamuvuze izina ryuwo mugore kuko ngo agiye kumuvuga izina ryiwe bica vyanka kwavuga.

” Ndavyibuka haje abagabo n’abagore benshi cane, munyuma nagiye mbona bankikuza banshira hagati yabo ariko ndihagati yabo bantu naciye ntangura kunva ikizunguzungu mba nkuwatakaje ubwenge ” ivyo rero vyavuzwe na Shabani ariko yongeyeho aravuga ko munyuma abo bantu ko bamubwiye ashorere impene ziwe azisubirane murugo aho yaje azivana.

Mugushorera izo mpene murugo twajanye nabo bagabo bose hamwe nabo bagore ariko igitangaje nuko dushitse murugo atanumwe yashobora kumenya mubo mu muryango kiretse jewe narabona ivyaba biriko birakorekera murugo vyose.

Abo bantu bari bankikuje, ako kanya tugeze murugo barihinduye amasura yabo baboneka nkabasa n’ababanyi bacu kandi naje narindi murabo bantu nyene kiretse abavyeyi ntibashobora kumbona canke ngo bamenye.

Tumaze nkiminota 30, wamugore yari yaje anfashe ukuboko niwe yansubiranye hamwe nari naragiye impene, nuko tuhageze twahasanze hari abantu benshi bari bakikuje ikinogo kirimwo amazi ariko icantange nuko twagiye duhagarara muri yamazi ariko abantu bo ntibashobora kutubona.

Munyuma bahagaze murayo mazi ngo yaje kwisanga bageze mukindi kijiji kirimwo abandi bantu atari azi ariko igitangaje cane nuko hageze aho bamusaba kwavuga abo bantu yahasanze murico kijiji vyaca vyanka kwavuga.

Nubwo biruko batevye baramubaza mu gihe cose yarari hiyo ico yaba ariko arakorayo, ivyo barya hamwe n’abantu babayo ivyo baba bariko barakora, yananiwe kwishura ivyo bibazo kuko iyo agiye kuvyishura bica vyanka kwavuga.

Mukurangiza ino nkuru reka tubibutse ko uno mwana ” Shabani Maulid ” ko ubu ariko aravurirwa ku mupfumu kandi yuko yari yarapfuye kuva mu mwaka 2011 ariko yagiye kuboneka muruno mwaka turimwo wi 2013 ari muzima.

Ese iki kintu co kuzuka kuno mwana wewe ukivugakwiki ? kuba yajanywe kuvurirwa k’umupfumu kandi vyiza yari kurondera abakozi b’Imana bakamusengera ntaco ubivugako ? canke inkomezi z’asatani ziraruta iz’imana ? gira ico uterereye uko wewe uvyibaza ” Comment ”

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments