Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsT-Boy Gaddis : Ntaho tuzogera mugihe kira muririnvyi wese yibona ko...

T-Boy Gaddis : Ntaho tuzogera mugihe kira muririnvyi wese yibona ko ari hejuru yabandi !

Umuririnvyi w’umurundi ( T-Boy Gaddis ) afise impano ikomeye yo kuririmba aba hano muri Leta Zunze ubumwe za America ( charlottesville virginia ) asaba abaririnvyi bose ko boja hamwe bakaba umwe kuko ngo ntaho bazoshora kugera mugihe kira muririnvyi wese ashaka kwishira hejuru y’abandi.

Nkuko yabimenyesheje umunyamakuru wa UBMNews, T-Boy Gaddis yavuze ko yipfuza kandi ko abantu bose bamenya uwariwe hamwe nico akora, ikindi naco bakamuhishurira batamuhishije yani bakamubwira ko ivyo akora yuko vyoba ari vyiza canke ko bitagenda neza.

Ikiganiro twakoranye nuno muririnvyi nuku cagenze hano musi !

UBMNews : Ndakuramukije ! Ese usanzwe uba mugisagara icahe ?

Tboy Gaddis : jewe mba muri charlottesville virginia

UBMNews : watanguye kuririmba ryari ? nivyo usanzwe ukunda canke ubikora kugira unezereze abantu ?

T-Boy Gaddis : jewe natanguye gukunda kuririmba kera nkifite imyaka 15..ariko ingorane nukwo ataburyo nari fite…nkomeza kwihangana gushika aho Imana impa ubushobozi 2009..niho naciye ntangura kuririmba

UBMNews: Nigiki cahindutse kuva aho utanguriye kuririmba ? ese kuva aho ubitanguriye niyihe nyungu umaze kuronkamwo ?

T-Boy Gaddis : ica hindutse ninyungu maze kuronka nukwo kuva aho ntanguriye kuririmba biguma vyiyongera kandi tukaronka na badusupport kuvyo turirimba bigatuma turonka umwete wo kubandanya umuziki wacu kandi ndirimba kugira ntange iciyumviro kubantu kandi kuririmba ndabikunda cane

UBMNews : ese nkinyuma yimyaka 5 irimbere ubona uzoba ugereyehe mu muziki ?

T-Boy Gaddis : umuziki uzoba ugeze kure bitewe na support turonka

UBMNews : nikihe kintu wipfuza ko aba Fans bawe hamwe n’abarundi bose bomenya kijanye nawe ? ivyo ukora, uko umeze, ico wanka hamwe nivyo ukunda etc ?

T-Boy Gaddis : Nipfuza ko bomenya kabisa uwondiwe nico nkora .nkaca nkunda ko bompishurira yani bakambwira ko ivyo nkora ko vyoba ari vyiza …ariko babanje kumenya ivyo nkora nuwo ndiwe.

UBMNews: ese nikihe kintu ubona kitagenda kubaririnvyi ba barundi baba hano muri America ? nikihe wobahanura ?

T-Boy Gaddis : ikitagenda nukwo tutumvikana kubera kira murivyi wese yibona ko ari hejuru so njewe ndumva ko notanga impanuro yukwo twoja hamwe nakare imitsi ikora ikoranye kandi niho twobona ikosa tugakosorana …so kumuririvyi wese ari ngaha muri America, ndipfuza ko twoja hamwe twese tukaba umwe

UBMNews : Niyihe Video yawe ukunda gose ?

T-Boy Gaddis : Harakati ya mtoto wa kike kuko ivuga ukuntu umukobwa ava mukijiji aja mjini kurondera ubuzima ariko agasanga hose nico kimwe.

UBMNews reka ibibutse ko uno muririnvyi ibikorwa akora ko bishimwa n’abantu benshi ” Raba Video hano muri yiyo ndirimbo yise ” Harakati ya mtoto wa kike ”

Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments