Snipers Model Fashion urizera ko ugiye guteza imbere igihugu cabo

0

Umugwi w’abiyeretsi wa Snipers Model Fashion urizeza abakunzi bawo ko ugiye gukora ibikora inka mu guteza imbere igihugu cabibarutse imbere

Nkuko rero abahurikiye muri uyo mugwi Snipers Model Fashion bashoboye kubimenyesha mu kiganiro bahaye ikinyamakuru canyu ubmnews bakaba bamenyesheje ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira bateze imbere igihugu cabibarutse mu ku kimenyekanisha mu makungu bivanye n’akazi basanzwe bakora ko kwiyereka(Manekin)
snipers

Mu mugwi Snipers Model Fashion bakavuga ko atakidashoboka iyo ushizemwo ishaka kandi ko bizeye ko bazoshika kuco bipfuza gushikako kuko ishaka barifise kandi bafise ingabirano Imana yabahaye

Tworangiza tubamenyesha ko Snipers Model Fashion basdanzwe bafise ingabirano idasanzwe ariko bakibuze uwo bafata mu mugongo kugira ngo babandanye batera imbere mu mwuga wabo wo kwiyereka(Manekin)