UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Rwanda : ibi bintu bikubayeko wewe wokora iki ? ino nkuru yuno mugore ikoroza amosozi !

Nitwa Mukarurinda Alice, ntuye mu Rwanda . Nakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wanye. Mfise imyaka 43. Ndubatse, mfise abana 5.

ubutumwa bwanje bushingiye ku mumaro wo gusaba imbabazi ndetse no kuzitanga, kuko vyangiriye umumaro ukomeye. Ndashimira Yesu wambashishije. Kuva mu bwana bwanjye nahuye n’ibibazo vyinshi bijyanye n’akarengane kaba gashingiye ku moko:

rwanda

1. Mu 1989: Nakoze ikizamini ( Exam ) kirangiza amashuri abanza, ndagitsinda ariko kubera ikibazo c’amoko cari gikomeye cane ico gihe bankura ku rutonde rw’abaja mu mashuri yisumbuye bansimbuza uwundi mwana.

2. Mu 1991: Abakoze Jenoside bishe data bamwita icitso, ntangura ubuzima bw’ubupfuvyi.

3. Mu 1992: Abakoze Jenoside baradusenyeye, baradusahura ndetse baranadutwikira.

4. Mu w’1994: Noneho abakoze Jenoside mu Rwanda bishe umuryango wanje hafi ya wose, kuko bishemwo abantu 25 barimwo umwana wanje w’imfura nari maze kuvyara, bakamwica bamutemyemwo kabiri bakamujugunya imbere yanje.

Jenoside itanguye, nahungiye mu rufunzo, mu murenge wa Ntarama. Mpageze, nahasanze n’abandi benshi baje kuhihisha. Nyuma y’igihe gito abakoze Jenoside bari kumwe n’abasirikare ba Leta yariho ico gihe, badusanze muri urwo rufunzo ku itariki ya 29/04/1994 ari na bwo banyatse umwana w’amezi icenda nari mfise, bamucamwo kabiri n’umuhoro bamujugunya imbere yanje, bantemagura mu mutwe, bantera icumu ku rutugu, bankubita umuhoro mu misaya, banca n’akaboko k’iburyo nk’uko mubibona kuri iyi foto.
Ubwo bansize nsa nk’uwapfuye nta bwenge ngifise, kandi uravye koko, nari napfuye uretse Imana yanzuye, ikambwira ngo “Baho,” nkabaho. Umutware wanje we bari bamutaye mwiriba, ariko ndashima Imana ko yabayeho n’ubwo afise ubumuga bw’umugongo.

Ngaruye ubwenge, nasanze nryamye mu biziga vyinshi, mbona abana bonka amabere ya ba nyina bapfuye n’abandi bareremba mu ruzi. Muri urwo rufunzo nahamaze iminsi indwi, ukuboko batemye kwarajemwo inyo . Twavuye muri urwo rufunzo tariki ya 5/5/1994, tuhakuwe n’abasirikare ba FPR, hanyuma baratangira bamvura vya bikomere vyose. Hejuru y’ivyo bikomere, nari naranahimiranye ariko nza koroherwa n’ubuzima buragaruka.

Umunsi umwe naje gutungurwa n’umuntu waje kunsaba imbabazi, ambwira ko ari we wanciye akaboko ansanze mu rufunzo (n’ubwo nje ntashoboye kumumenya), ambwira ko ari we wankubise imihoro mu mutwe, ariko akaba ansaba kumubabarira.

Umunsi wa mbere ansaba izo mbabazi nikubise hasi ndaraba ngwa muri koma, baranterura banjana kwa muganga. Aho ngaruriye ubwenge, nakomeje gusenga Imana nyisaba imbaraga zo kubabarira kuko ari yo iha intege abarambiwe ndetse n’utishoboye ikamwongera imbaraga.

Si uko nabanje kumwima imbabazi, ahubwo nafashwe n’ubwoba bukomeye mbimarana indwi yose, kandi n’uwantemye na we yafashwe n’ikintu kimeze nk’ihahamuka abonye nguye muri koma.

Nyuma yakomeje kunsaba imbabazi ndamubabarira, musaba ko yaza no mu rugo rwanjye akabasaba imbabazi, na bo baramubabarira.

Ndashima Imana yambashishije, kandi kuri ubu yabaye incuti y’umuryango wanje, aradusura, kandi tubana mu ishirahamwe ryitwa “UKURI KUGANZE,” aho tujana ahantu hose dutanga ubuhamya bugamije kwigisha ijambo “GUSABA IMBABAZI,” ndetse no kubabarira.

Icabimbashishije nuko n’ubusanzwe nari narakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wanje, kuko na Yesu ubwe yababariye abamugiriye nabi.

Ese iyo aza kuba ariwewe wari kubigenza gute ? wari kumubabarira canke wari kwihora ?

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments