UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC yemerewe ku mugaragaro kwinjira mu muryango wa EAC.

UBM News ads

Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo cemerewe  kwinjira icese mu muryango w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko, EAC.  Iyo ngingo yaraye ifashwe n-inama idasanzwe y-abakuru b-ibihugu vyo mw-uwo muryango igira 18 yabaye ku buhinga bwa none kuri uyu wa  22 Kigarama 2021.East African Community a Twitter: "#EAC Secretary General Dr. Peter  Mathuki, @pmathuki presents the #EAC Flag to #DRC President, Felix  Tshisekedi, @Presidence_RDC, marking the launch of the verification mission  on #DRC's admission

Igihugu ca Congo kikaba kigize igihugu c-indwi cemerewe kwinjira mw-uwo muryango. Kikaba kandi gisanze haheruka kwongerwamwo indimi zibiri arizo igifaransa n-igiswahiri. Izo nazo zisanzwe zikoreshwa na benshi muri ico gihugu.

Uwaserukiye Leta y-uburundi mw-iyo nama y-abakuru b-ibihugu yamenyesheje ko hakwiriye ko umuryango wa Afrika y-ubuseruko wofatana mu nda mu kurwanya abagizi ba nabi , na nyarirya Igihugu ca Congo kisanzwe kirwiriyemwo imihari irwana itari mike, aho ndetse iza idurumbanya amahoro mu bihugu bimwe bimwe bigize uwo muryango nk-uburundi, Urwanda na Uganda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments