Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo cemerewe kwinjira icese mu muryango w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko, EAC. Iyo ngingo yaraye ifashwe n-inama idasanzwe y-abakuru b-ibihugu vyo mw-uwo muryango igira 18 yabaye ku buhinga bwa none kuri uyu wa 22 Kigarama 2021.
Igihugu ca Congo kikaba kigize igihugu c-indwi cemerewe kwinjira mw-uwo muryango. Kikaba kandi gisanze haheruka kwongerwamwo indimi zibiri arizo igifaransa n-igiswahiri. Izo nazo zisanzwe zikoreshwa na benshi muri ico gihugu.
Uwaserukiye Leta y-uburundi mw-iyo nama y-abakuru b-ibihugu yamenyesheje ko hakwiriye ko umuryango wa Afrika y-ubuseruko wofatana mu nda mu kurwanya abagizi ba nabi , na nyarirya Igihugu ca Congo kisanzwe kirwiriyemwo imihari irwana itari mike, aho ndetse iza idurumbanya amahoro mu bihugu bimwe bimwe bigize uwo muryango nk-uburundi, Urwanda na Uganda.
Recent Comments