UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: «Ukwo Congo iriko ivogerwa ntaho itaniye na Ukraine, Amakungu ntategerezwa kuraba hirya»-Dr Dénis Mukwege.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwatahukanye agashimwe kitiriwe amahoro mu mwaka wa 2018, umukongomani akaba n’umuganga Dénis Mukwege ahamagarira amakungu kwivanga mu kibazo kijanye n’ico yise «ivogerwa» rya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo nkuko ayo makungu nyene ariko abikora ku gihugu ca Ukraine.  Muganga Mukwege agasabira ibihano igihugu c’urwanda kuba kiriko giteza intambara muri Congo mugufasha umuhari M23.  Akaba yabishikirije kuri uyu w’Imana mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.Image

Mw’iryo tangazo, Dénis Mukwege yerekana ko amarira n’amarushwa vy’abanyagihugu b’abakongomani bitegerezwa guhagurutsa isi. Yabivuze uku: « Umubabaro utegerezwa gufatwa ku buryo bumwe nsinibaza ko amakungu agiye kubandanya ahora. Iyo ndavye ukwo amakungu  avyifatamwo kubijanye n’ivogerwa rya Ukraine, ibihano vyose vyakwirikiye hamwe n’ama miriyoni y’amadorari yatororokanijwe, ntawushobora kubandanya araba hirya ku miriyoni z’abanyekongo baguma bapfa hama tukaguma twemera ko tuba kw’iy’isi imwe. Ukwo Congo iriko ivogerwa simbona ubudasa buhari kubiriko bishikira Ukraine»

Mukwege asaba amakungu gufatira ibihano igihugu c’urwanda k’uruhara rwaco rwo gutera Congo kibicishije mu gufasha umuhari M23.  Dénis Mukwege akibutsa ko imigenderanire hagati ya Congo n’Urwanda yatosekaye haraciye amayinga atari make bitewe n’uko igihugu c’urwanda vyagaragaye ko kiriko gifasha M23 imaze imisi ikora ibitero mu ma teritwari ya Rutshuru na Nyiragongo , hafi y’umuji wa Goma ni muri Kivu y’uburaruko.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments