UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: Perezida Tshisekedi aburira urwanda ko intambara hagati y’ico gihugu na RDC ishoboka iki gihe.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Félix Tshisekedi aburira igihugu c’urwanda ko mu gihe cobandanya gishigikira umuhari M23 , ko igihugu ciwe kitagiye kwemera kuguma kireze amaboko ko nyabuna bishobora kurangira hadutse intambara hagati y’ivyo bihugu vyompi. Kanatsinda ngo  nabone barafise inguvu. Perezida Tshisekedi yabitangarije ku kinyamakuru Financial Times.Image

Mw’ico kiganiro yagiranye na Financial Times cabereye ku biro vyiwe i Kinshasa, Perezida Tshisekedi yagize ati :«uku gushoboka {kw’intambara yeruye}  ntigukwiye kwirengagizwa.Agasomborotso kw’urwanda nikabandanya , ntabwo tuzicara ngo turere amaboko ataco dukoze. Ntabwo turi abadafise inguvu»

Tubamenyeshe ko ico cuka kibi  hagati y’urwanda na Congo catanguye igihe Leta ya Congo yagirije Urwanda ko ruriko rushigikira mugufasha umuhari M23 umaze imisi utana mu mitwe n’ingabo za FARDC. Maze urwanda narwo rukagiriza Leta ya Tshisekedi ko iriko ikorana n’umuhari FDRL mu gukora ibitero ku butaka bw’ico gihugu c’urwanda.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments