UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: “Ntituzoganira kandi ntitwiteguriye na gato kuganira na M23 naho iriko ikomera ku rugamba” Umuvugizi wa Leta ya Congo.

Leta ya Congo Kinshasa imenyesha ko nubu igihagaze ku ngingo yayo yo kutaganira na M23 naho iriko itera ija imbere ku rugamba kiretse uwo muhari wemeye kuva mu burere bwose umaze kwifatira. Nivyo umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri Leta ya Congo, Patrick Muyaya yaraye amenyesheje kuri uyu wa mbere aho yariko ashikiriza ku bijanye n’ihungabana ry’umutekano rikomeza kuja ku rugero rwo hejuru mu buseruko bwa Congo.

Spokesman of the Congo government Patrick Muyaya Katembwe pictured during a meeting of the DRC Congo government press team, Monday 08 November 2021 in…

“Ntituzoganira kandi ntitwiteguriye na gato kuganira na M23 naho iriko ikomera ku rugamba, batavuye mu burere bwose barekuye, nta biganiro bishoboka” Niko Patrick Muyaya amenyesha yibutsa kandi ko Leta ya Congo nubu igihagaze kw’iyubahirizwa ry’urupapuro rw’inzira rwo muri Luanda (Angola) kugira ubuseruko bwa Congo bushobore kuva mu bibazo vy’intambara burimwo iki gihe.

Uwo mushikiranganji wa Congo wo kumenyesha amakuru akaba kandi yagize ico avuga kw’itangazo riheruka gushirwa ahabona n’ibiro vy’umunyamabanga mukuru wa EAC, Aha, Patrick Muyaya avuga ko atacizwe kiboneka mu nama yabereye I Bujumbura yahuje abakuru b’ibihugu bigize EAC kugira bigire hamwe ku mutekano muke uri mu buseruko bwa Congo.

Tubibutse ko itangazo ry’inama y’abakuru b’ibihugu bigize EAC yabereye mu Burundi mu ndwi twarangije rivuga ihagarika mu maguru masha intambara ku mpande zishamiranye, ukubonana bwa vuba kw’abarongoye ibiro bikuru vya gisirikare bagize ibihugu vyo muri EAC, Leta ya Congo ikorohereza irungikwa ry’ingabo nshasha mw’ico gihugu hamwe rero no gutunganya ibiganiro hagati y’impande nyinshi zitandukanye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments