RDC: Ekeleziya Katorika yategetse abapatiri bavyaye abana gutanga imihoho imbere yuko Vatikano yiga ivyabo.

0

Inama nkuru y-abepiskopi katorika muri Republika iharanira intwaro rusangi izwi kw-izina rya CENCO, yategetse abapatiri bose baziko bavyaye abana , gukura umwambaro bagatanga imihoho maze bakaja kwitaho abo bana, basanzwe bafatwa mu gihugu nk-abana bavukiye mu caha. Abo ba patiri basabwa  gutanga imihoho imbere yuko iyo dosiye igiye kwirwa i Vatikano ku cicaro gikuru ca Papa.Image

Nkuko tubikesha radiyo y-abafaransa RFI, Inama y-abepisikopi katorika ya Congo bahurikiye muri CENCO  baherutse guhurira mu nama  maze bose bashira umukono ku rwandiko rw-impapuro 19 rurwanya kubangikanya imirimo yo kuba umuvyeyi hamwe no kuba umwepisikopi (umupatiri).

Muri urwo rwandiko rwari mw-ibanga ariko ruhava rushikira abamenyeshamakuru, abagize CENCO basavye ko kubw-iyo mpamvu abapatiri bafise abana bavyaye, guca basezera mw-uwo murimo barahiriye wo gukorera Imana , maze bakaja gufasha abo bana hamwe n-abagore babavyaranye. Ariko ngo niyo banana gutanga imihoho, CENCO imenyesha ko izojana icegeranyo ku mwungere wa Ekleziya Katorika kw-isi Papa Fransisko ibasabire ibihano bikomeye.

Tubamenyeshe ko mw-ico gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi  ya Congo, Abana bavuka ku bihebeye Imana bo mw-ishengero katorika bafatwa nk-abana bavukiye mu caha.  Iyo ngingo yafashwe na CENCO ije mu gihe umwungere wa Ekleziya Katorika kw-isi Papa Fransisko azongera ico gihugu guhera kw-igenekerezo rya 2  gushika kurya 5 Mukakaro 2022.