UBM News ads

Perezida Zelensky atangaza ko abasirikare 1300 ba Ukraine aribo bamaze kurwa mu ntambara ziriko zihuza ico gihugu n-uburusiya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-igihugu ca Ukraine ,Volodymyr Zelensky yatangaje kuri uyu wa gatandatu mu kiganiro yahaye abanyamakuru ko abasirikare 1300 b-igihugu arongoye  aribo bamaze kurwa  mu ntambara zimaze indwi zibiri zirenga ziriko zihuza ico gihugu n-uburusiya.Zelensky met with Ukrainian soldiers in Luhansk region / Photo from president.gov.ua

Perezida Zelensky yavuze ko n-ubwo igihugu ciwe catakaje ico gitigiri kingana uko c-abasirikare,  hari abasirikare b-uburusiya bari hagati ya 500 na 600 bahisemwo kumanika amaboko imbere y-ingabo za Ukraine , nubwo bigoye guharura neza ivyo bitigiri.

Tubibutse ko igisirikare ca Ukraine caheruka gutangaza ko kimaze kwica abasirikare b-uburusiya barenga ibihumbi cumi na kimwe hamwe n-ibikoresho vyinshi vya gisirikare vyafashwe maze ibiduga n-indege z-intambara birasamburwa. Igisirikare c-uburusiya naco cari catangaje ko kimaze kuburira mw-iyo ntambara abasirikare 498 hamwe n-abarenga 1500 bahakomerekeye.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments