Thursday, October 6, 2022
HomeNewsPerezida Ndayishimiye yarihiye abarwayi cumi bari mu bitaro mu mafaranga y-umushahara yakase...

Perezida Ndayishimiye yarihiye abarwayi cumi bari mu bitaro mu mafaranga y-umushahara yakase abahanuzi biwe.

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yarihiye amafaranga y-ibitaro abanyagihugu cumi bakize , munyuma babura ayo kuriha . Ayo mafaranga angana imiriyoni cenda z-amarundi akaba yavuye mu mushahara yakase abahanuzi biwe munani yaheruka gushira mu gihano c-imisi cumi n-itanu. Mw-abo barwayi 10 barihiwe amahera y-ibitaro, 7 n-abari barwariye mu bitaro CNPK vyo mu Kamenge hamwe na 3 bo mu bitaro Prince Régent Charles.Image

Perezida Ndayishimiye ati: ˮHariho abakozi bakorera igihugu babaye ibinebwe hanyuma turabahana. Umushahara wabo waciye ugaburwa na kabiri . Uwo mushahara ntakindi twowukoresha kuko ntituri tuwuhe ibinebwe bitakoze . Nimwayo mahera rero twaciye tugira duti reka dufashe abo barwayi‟

Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye yaboneyeho akaryo ko guhanura abantu baba baziko bagiye gukorera igihugu ariko ntibamenyeko bagiye gukorera igihugu batagiye kunebwa.

 

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...