Perezida Kagame amenyesha ko ashimishwa n-intambwe yo kuvyura umubano w-uburundi n-urwanda igezweko.

0

Umukuru w-igihugu c-urwanda Paul Kagame amenyesha ko ashimishwa n-intambwe ibiganiro vyo kuvyura umubano  mwiza hagati y-urwanda n-uburundi  bigezeko inyuma y-imyaka itandatu birabana ay-ingwe. Uwo arongoye igihugu c-urwanda akabivuga afatiye  ku kuntu abashikiranganji  b-ibihugu vyose bamaze guhura bakayaga co kimwe n-abajejwe umutekano muri ivyo bihugu bibiri.President Kagame Decries Double Standards in Global Vaccine Distribution –  KT PRESS

Mu kiganiro yahaye iradiyo n-imboneshakure vy-igihugu c-urwanda ku musi wa gatandatu, Perezida Paul Kagame yavuze uku:

ˮTuripfuza guteza imbere imigenderanire n-uburundi kandi n-uburundi buravyipfuza . Ni muriyo ntumbero, abashikiranganji bacu n-abajejwe inzego zo kwivuna abansi n-umutekano babona kenshi kandi bazobandanya babonana. Ndibazako ibintu bitera bija imbere kandi bizobandanya gutera bija imbere, nino mu nyungu z-uburundi nino mu nyungu z-urwanda . Ndibaza yuko turi mu nzira nziza yo kwumvikana kandi uzobandanya muriyo nzira yo kugira uwo mubano uri hagati y-ivyo bibiri ukomere‟

Umukuru w-igihugu c-urwanda  aremeza kandi ko umubano mwiza w-ivyo bihugu  bibiri bihana imbibe uzotuma  bishobora gutezanya imbere.