Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsPapa Fransisco yatangaje ko kubabana basangiye igitsina atari icaha imbere y’Imana.

Papa Fransisco yatangaje ko kubabana basangiye igitsina atari icaha imbere y’Imana.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co muri Amerika, Associated Press, Umwungere wa Ekleziya Katorika , Papa Francisco yavuze ko “kuba ubana n’uwo musangiye igitsina Atari icaha”.
Papa Francisco akavuga ko amategeko akumira abo bubakanye basangiye ibitsina “arenganya”kuko ngo Imana ikunda abana bayo bose ukwo bari kwose.

Uwo mwungere wa Ekleziya Katolika kw’isi akaba yahamagariye abasenyeri katolika bashigikiye ayo mategeko akumira abo bantu bubakana basangiye ibitsina kubakira mu rusengero. Akaba yemeye ko abepiskopi katorika bo muri bimwe bice vy’isi bashigikiye amategeko ahana ukuryamana kw’abahuje ibitsina canke bakabakumira, ivyo papa Francisco yise ko ari nk’”igicumuro”.

Ico akoze gusa, Uwo arongoye idini rya katolika kw’isi avuga ko ingeso y’abo baryamana basangiye ibitsina yoba ishingiye ku mico abantu baba barakuriyemwo, akongera akavuga ko abepiskopi bakenye ivy’umwihariko gukora urugendo rwo guhinduka kugira bashobore guha agaciro umuntu uwari we wese.

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Ishirahamwe mpuzamakungu ridaharanira ivyicaro vya politike “Human dignity Trust”riharanira ivanwaho ry’amategeko ahana ukubana kw’abahuje ibitsina , rivuga ko ibihugu 67 vyo kw’isi bifise amategeko ahana abaryamana basangiye ibitsina. Muri ivyo bihugu, ibigera 11, amategeko yavyo ategekanya igihano c’urupfu kuri abo bene bantu.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....