Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano amenyesha ko ata hohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n-inzego z-umutekano mu Burundi. Petero Nkurikiye yabishikirije kuri uyu wa mbere mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru.
Uyo asanzwe avugira ubwo bushikiranganji yaramenyesheje ko ivy-ihohoterwa vya kiremwa muntu vyaheranye n-intwaro za kera kanatsinda ngo n-umurwi CVR umaze imisi uvyerekana.
«Nagire menyeshe ku mugaragaro yuko ata hohoterwa rikorwa n-inzego zijejwe gukora amatohoza ku mabi. Ntaryo! Ryarigeze kuba muri kahise aho abantu bahohoterwa biteye ubwoba ariko ni kera cane. Aho wasanga inzego za Leta zikorera amabi abanyagihugu, uburorero buvyemeza ni bwinshi , umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR uherutse kuvyerekana izuba riva icerekana ihohoterwa riteye ubwoba ryakorwa n-inzego za Leta. Ubu abafashwe n-inzego z-umutekano bafatwa nk-ibiremwa muntu» Niko Petero Nkurikiye yavuze mw-ico kiganiro yatanze ku banditsi n-abamenyeshamakuru.
Naho Petero Nkurikiye avuga uko, Umurwi wa ONU ujejwe kurwanya uguhohotera ubuzima bwa kiremwa uheruka kwemeza ko mu Burundi ihohoterwa rya kiremwa muntu rihari ko kandi rikorwa n-abari mu nzego z-umutekano ko kandi Leta itigeze ifata ingingo n-imwe kugira ihagarike ivyo bikorwa bigayitse .