Thursday, June 8, 2023
HomeNews«Nta hohoterwa rya kiremwa muntu rikiba mu Burundi rikozwe n-inzego z-umutekano»...

«Nta hohoterwa rya kiremwa muntu rikiba mu Burundi rikozwe n-inzego z-umutekano» -Pierre Nkurikiye.

Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano amenyesha ko ata hohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n-inzego z-umutekano mu Burundi. Petero Nkurikiye yabishikirije kuri uyu wa mbere  mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru.Mutimbuzi : Deux policiers tués, cinq arrestations – IWACU

Uyo asanzwe avugira ubwo bushikiranganji yaramenyesheje ko ivy-ihohoterwa vya kiremwa muntu  vyaheranye n-intwaro za kera kanatsinda ngo n-umurwi CVR umaze imisi uvyerekana.

«Nagire menyeshe ku mugaragaro yuko ata hohoterwa rikorwa n-inzego zijejwe gukora amatohoza ku mabi. Ntaryo! Ryarigeze kuba  muri kahise aho abantu bahohoterwa  biteye ubwoba ariko ni kera cane. Aho wasanga inzego za Leta zikorera amabi abanyagihugu, uburorero buvyemeza ni bwinshi , umurwi ujejwe kumenya ukuri  no kurekuriranira CVR uherutse kuvyerekana izuba riva icerekana ihohoterwa riteye ubwoba ryakorwa n-inzego za Leta. Ubu abafashwe n-inzego z-umutekano bafatwa nk-ibiremwa muntu» Niko Petero Nkurikiye yavuze mw-ico kiganiro yatanze ku banditsi n-abamenyeshamakuru.

Naho Petero Nkurikiye avuga uko, Umurwi wa ONU ujejwe kurwanya uguhohotera ubuzima bwa kiremwa uheruka kwemeza ko mu Burundi ihohoterwa rya kiremwa muntu rihari ko kandi rikorwa n-abari mu nzego z-umutekano ko kandi Leta itigeze ifata ingingo n-imwe kugira ihagarike ivyo bikorwa bigayitse .

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...