Natacha Ngendabanka yaraye avuye mu karuhuko n’umuryango wiwe

0

Nyuma y’indwi zibiri abarizwa mu gihugu c’ubutariyano,umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka yaraye aganutse ava muri ico gihugu aho yari yagiye ajanye n’umuryango wiwe

Ku munsi w’ejo igihe c’isaha icenda niho uyo muririmvyikazi yashika ku kibuga c’indege ca bujumbura aho yari yaje gutegerwa na bamwe mu bamenyeshamakuru ba hano mu gihugu c’uburundi hamwe nuwusanzwe arongoye abaririmvyi ba hano ariwe Bruno Simbavimbere benshi bazi kw’izina rya Memba
natacha avec ses enfants
Agishika ku kibuga c’indege ca bujumbura akaba yaratanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko yahora muri ico gihugu mu karuhuko,ko yari yajanye n’abana biwe babiri,umugabo wiwe hamwe n’uwusanzwe amurabira abana biwe babiri,
Natacha Ngendabanka akaba yaramenyesheje kandi ko muri ako karuhuko yaramazemwo iminsi ko yakungukiyemwo kuko ngo yahuye na bamwe mu baririmvyi bakomeye cane kw’isi kandi ko hariho n’ubundi buhinga yamenye agiye gukoresha mu minsi ya vuba,
Natacha Ngendabanka akaba yaramenyesheje kandi ko bakunze zimwe mu ndirimbo ziwe muri icop gihugu c’ubutariyano

Tworangiza tubamenyesha ko Natacha Ngendabanka yarangije abwira abakunzi b’umuziki ndundi ko bokwitega ikintu gishasha