Sunday, March 26, 2023
HomeNewsMusenyeri mukuru wa Anglikane kw’isi, Justin Welby ntakicemerwa na bamwe mu basenyeri...

Musenyeri mukuru wa Anglikane kw’isi, Justin Welby ntakicemerwa na bamwe mu basenyeri b’iryo shengero kw’isi.

Abasenyeri 12 bo mw’ishengero rya Anglikane batangaje ko batagifata Musenyeri mukuru wa Cantebury, Justin Welby nk’umukuru w’ishengero rya Anglikane kw’isi , inyuma y’uko aheruka gufata ingingo yo kwemerera guhezagira ubugeni bw’abahuza ibitsina babisangiye.

Abo bakuru bo mw’ishengero rya Anglikane bavuga ko baserukira 75% ry’abanglikane bo kw’isi bagiriza ishengero rya Anglikane ryo mu bwongereza kuba ryafashe “inzira y’inyigisho itari iy’ukuri” , hamwe no kwitandukanya n’”ukwemera kuvurwa muri bibiliya kuva kera”

Abo basenyeri bakaba ari abarongoye ishengero rya Anglikane mu bihugu bimwe bimwe vyo ku migabane ya Afrika, Aziya na Amerika y’ubumanuko. Musenyeri mukuru wa Cantebury yavuzeko ko yumva aho abo basenyeri bahagaze ariko ko ata mpinduka zishobora gukorwa kw’ishengero rya Anglikane atazemeje.

Must Read