UBM News ads

Muri COSESONA bati :«Turashimye ingingo ya Leta ijanye no gukuraho ubusumbasumbane bw-imishahara ».

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw-amasendika y-abigisha COSESONA rumenyesha ko rwashimye cane ingingo ya Leta ijanye no gukuraho ubusumbasumbane bw-imishahara mu bakozi ba Leta. Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Victor Ndabniwe arongoye COSESONA  yasavye ikiringo co kushira mu ngiro iyo ngingo mu kiringo kitoba kirekire.May be an image of 2 people, people sitting and indoor

Ndabaniwe yabivuze inyuma yaho inama nshikiranganji ikoraniye kuri uyu wa gatatu  maze yemeza  integuro y-itegeko rigenga gukuraho ubusumbasumbane bw-imishahara ku bakozi ba Leta. Umunyamabanga mukuru wa Leta yamenyesheje ko imiriyaridi zirenga 12 z-amafaranga y-amarundi  arizo zigiye kuzohora zitangwa ku mwaka ku mwaka mu ntumbero yo gukuraho ubwo busumbasumbane. Prosper NTAHORWAMIYE  avuga kandi ko ubwo buryo bushobora kwongerezwa bivanye n-uko ikigega ca Leta kizoba cabombotse.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments