UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Mugihe wibugenze ukwiye kugumana akanyamuneza akanya kose.

Gutwara umwana mu nda amezi cenda, kumenya ingene umuntu atwara ibigumbagumba vyiwe hamwe no gukurikira ibikorwa vya misi yose ku kazi si ikintu coroshe.Twama twabonye abakenyezi bibungenze baguma bacira, abandi ugasanga barasiba ku kazi cane, abandi bagumana umutima mubi, n’abandi batigera basiba ku kazi n ’umusi w’igitangaro amezi icenda yose agahera.Portrait+of+a+pregnant+woman+holding+a+plate+of+salad

Ng’ibi ibintu vyobafasha kubaho neza mu bihe vy’ukwibungenga

Wibungenze, ku kazi imbanyi n’iyo ija imbere

Nturindire ko ibise biguma biba ari vyinshi bibabaza canke uburuhe bwinshi aho bikenerwa ko urondera umuganga w’abakenyezi. Kureka gukora birakenewe kugira umuntu agende ataramererwa nabi. Reka kwicira imanza, imbanyi yanyu niyo ija imbere y ‘akazi. Kandi ntukirengagize gufata akaruhuko ko kuvyara. Birakenewe ko muraba uruyoya rwanyu, mukitegurira kwibaruka ndetse mu kitegurira n’indwi zikurikira kwibaruka na cane cane ko umukenyezi aba akibabara cane. Kenshi amategeko y’akazi ku bakenyezi bibaruka arabarekurira akaruhuko, mugabo namba wumva umeze neza inyuma yo kwibaruka nta kamaro ko kuguma muhira isubirire ku mirimo yawe.

Uribungenze, nturambire abo mukorana

Imbanyi yanyu iraba wewe ku giti cawe ntaho bisa bihuye n’akazi, ntimuri umuntu wa mbere afise akamaro kw’isi, reka rero gufata umwanya wanyu wiyagaza ku nda, amaso uyangaza mu kirere, reka kwidoga umwanya wose uba wumva ufise iseseme canke uza urarya umutima abo mukorana, ushuhiwe canke ukanye. Nivyo biragoye ariko uri ku kazi irinde rero kuca uvuga umwanya wose ko wumva umerewe nabi, agaca witahiye. Abakozi mukorana basigaye aho barashobora kubifata nabi.

Abakenyezi benshi rero barihambirira ku kazi mu mwanya bibungenze, niyo bimirije kwibaruka ugasanga batonda gukora uko vyahora. Amategeko y’akazi ararekura ko umukenyezi yibungenze ashobora guhabwa akaruhuko, canke agahabwa uruhusha rwo gusiba kandi ivyo bikaba bitabuza ko aronka agahembo kiwe ku mpera z’ukwezi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments