Umurwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana warateze umutego mw-ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu kw-ibarabara ry-igihugu rigira indwi RN7 neza na neza ku musozi wa Cogo uri muri zone Vyuya, komine Mugamba ,intara ya Bururi. Abantu bamaze kumenyekana ko bakomeretse akaba ari 12 ariko bane muribo bakaba baremvye.
Nkuko bivurwa n-abakomerekeye mw-ico gitero, hari igihe c-isaha hafi zibiri z-ijoro zo kuri uyu wa gatandatu aho baza babona umurwi w-abantu bitwaje ibirwanisho bambaye impuzu za gisirikare baca bahagarika imodokari yo mu bwoko bwa Fuso yaripakiye amakara iriko ija I Bujumbura, bongera bahagarika imodokari yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Hiace . Niko guca uwo murwi utangura kurasa abari mw-iyo modoka ya Fuso hamwe n-iyo yo mu bwoko bwa Hiace.
Nkuko vyemejwe n-umuyobozi mwishikira mu biro vya buramatari w-intara ya Bururi, nuko abantu indwi bari muri Hiace , bane bari muri Fuso hamwe n-umudereva w-ipikipiki aribo bakomerekejwe n-amasase y-uwo murwi. Iyo modokari yo mu bwoko bwa Fuso yaripakiye amakara ica iraturwa n-abo bitwaje ibirwanisho. Abakomeretse baciye banyarukanwa mu bitaro bikuru vy-I Matana aho gushika izi saha bariko baravurirwa.
Tubamenyeshe ko igitero nk-ico caheruka kubera kw-iryo barabara aho bita ku Muhabo hari mu kwezi kwa Nzero kw-uy-umwaka w-2021 aho abantu batatu bishwe batuririwe mu muduga barimwo n-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utamenyekanye.
Recent Comments