Thursday, December 1, 2022
HomeNewsMu bushikiranganji bw-amagara y-abantu bobo ikiza kitabahitanye kirabahitaniza.

Mu bushikiranganji bw-amagara y-abantu bobo ikiza kitabahitanye kirabahitaniza.

Kubw-amakuru tukura mu baganga b-ibitaro bikuru bikuru vya Leta biri mu gisagara ca Bujumbura nka= Roi Khaled, Hopital militaire, Prince Regent charles na clinique Prince Louis Rwagasore atumenyesha ko mw-ivyo bitaro abarwayi ari benshi cane mw-iy-iminsi eka ndetse n-abarwayi bariko barapfa  boba atari bake bigaca bituma vya vyumba bikanyisha abapfuye bita ˮmorgue‟ na vyone bica vyuzura.Des commissionnaires pour les morts! | IGL - Infos Grands Lacs

Ibitaro bimwe bimwe n-abakozi bo mw-ivyo bitaro biti turejeje

Ubuyobozi bw-ibitaro Prince Regent Charles bwari bwatangaje ko budugije igiciro c-uburuhukiro bw-abapfuye kikava kubihumbi 15 kikaja ku bihumbi 45 kuva k-umusi ugira gatatu umuntu atarashingurwa, ariko mu nyuma iyo ngingo yahavuye ifutwa n-ubwo buyobozi nyene ata mvo itanzwe , biboneka ko iyo ngingo yari yatewe ivyatsi na benshi kuko biboneka ko yoba ije kutuntuza no gukindaga uwabuze ivyo navyo mu mico y-abarundi bisanzwe bitakunzwe gukorwa kuko umuntu yasandavye kuva kera gushika n-ubu arasonerwa cane.

Ntawokwibagira ibiherutse gushikira umuryango waruhejeje kubura uwabo aho wahebura hose mu bitaro bitatu vya Leta icumba c-uburuhukiro wobikamwo uwabo mukurindira ko bamushingura. Ukubura ivyo vyumba vy-uburuhukiro ntabwo vyari vyamaze kwuzura ahubwo abakozi bakorera mw-ivyo vyumba basavye uwo muryango ko imbere y-uko bababikira uwabo babanze bemere ko imwe mw-ishirahamwe rijejejwe guhambisha abapfuye bita ˮfleurs naturelles du Burundiˮ borishorera akaba ariryo rizokora ibikenewe vyose mu guhambisha uwabo, ivyatumye uwo muryango utwarwa n-agashavu ubishira hejuru  kuko amahera yasabwa n-iryo shirahamwe atayo bari gupfa barose kuko bafise amikoro make cane. Abagizemwo uruhara mw-iyo dosiye bahavuye bashengezwa m-ubutungane icashimishije benshi.

Ikiza ca Covid19 na cone harabo cahereyemwo harimwo na Leta.

Mukwikingira ico Kiza, Leta y-uburundi ibicishije k-umushikiranganji w-amagara y-abantu yarafashe ingingo zitarinke naho benshi bazibonyemwo nk-urudandazwa aha twovuga nk-uwuvuye hanze y-igihugu ashikiye muri kwa gushirwa ukwa wenyene bita ˮquarantaine‟ ategerezwa kwirihira icumba azomaramwo imisi ndetse animenye kubifungurwa n-ibindi vya nkenerwa yokenera, ivyahimbaye ndetse biranateza imbere banyen-ayo mazu yakira ingenzi, Ivyo benshi babibonyemwo nk-urudandazwa rukomeye cane hakubona ko ari ugukinga ikiza ca Covid19.

Igiciro c-urupapuro rwerekana ko utarwaye umugera wa Covid19 ugire ufate ingendo hanze y-igihugu caradugijwe kivanwa ku bihumbi 10 kishirwa ku bihumbi 60 aho ni k-umunyagihugu w-umurundi , Hama k-umunyamahanga nawe agaca ariha amadorari y-abanyamerika agera kuri 30.

 

 

 

 

 

Must Read