Masterland yoba yakwije imyaka ingahe y’amavuko?

0

Umuririmvyi W’umurundi Masterland kuri uno munsi yahimbaje isabukuru ryiwe aho yakwije imyaka igera kuri mirongo ibiri n’ibiri y’amavuko
masterland

Kuri uno munsi rero ukaba wari umunezero udasamnzwe kuri uyo muririmvyi w’umurundi akongera akaba umuhinyanyuzi akaba asanzwe akorera mu nzu ihinyanyura indirimbo ya ”Master Muzik”,
Mu gitondo co kuruyu wa mbere uyo muririmvyi akaba yashoboye kwandika kurubuga rwiwe rwa facebook ashimira umuvyeyi wiwe yamushize mu nda amezi icenda,akaba ndetse yanashimiye bamwe mu bamufasha kugira ashike ahari muri kino gihe,Masterland akaba yanditse ati:
Narakwihaye wese kubera utigera umaramaza, imisi 365 undinda ntibisanzwe nashitse kuri vyinshi nk’intsinzi eka n’utugosha tumwe tumwe, vyose ndabishima.. Mana, ndashimira n’abantu mwambaye hafi mpereye kuri ‪#‎Maman‬ wanje na Famille yanje, umuryango munini wa fans banje(Intahinduka) mu mpora hafi, umuryango w’abamenyeshamakuru Ndundi mumfata mu mugongo, ntibagiye n’umuryango w’abaririmvyi n’abanyamuziki ndundi dukorana vyinshi…Imana ibampembere.. Hama ndizera ko tuzorushirizaho kubana neza no kubandanya gutera intambwe tuja imbere.. ‪#‎Sinzohinduka‬
Tworangiza tubamenyesha ko Masterland yavutse kw’igenekerezo rya 23/5/1994