Leta y-uburundi imenyesha ko hataragera ko yugurura imipaka ihana n-igihugu c-urwanda kubera ko hakiri inzitizi zitarakurwaho. Bikaba vyashikirijwe n-umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro kuri uyu wa mbere . Ivyo vyashikirijwe na Albert Shingiro bikaba vyababaje abarundi batari bakeĀ bari banyotewe no kwumva ko bagiye gusubira gukora urudandazwa ndenga mbibe. Ni inyuma yaho igihugu c-urwanda kimenyeshereje ko kuva kuri uyu wa mbere imbibe ico gihugu gihana n-ibihugu bibanyi vyaco n-uburundi burimwo zuguruye.
Igituma igihugu c-uburundi cabangiriye kwugurura imipaka ihana n-urwanda ngo ni uko hakiri ibiganiro hagati y-ivyo bihugu vyompi bigamije gukuraho amatati yose bifitaniye.  «Ico mwomenya nuko igihugu cose gifise ingene citunganya , ico gihugu kibanyi cafashe ingingo zo kwugurura ni vyiza mugabo na twebwe ku ruhande rwacu umusi twafashe ingingo yo kwugurura tuzoheza tubibamenyeshe mwebwe abamenyeshamakuru hamwe n-abarundi kugira babimenye . Gushika kuri aya masaha iyo ngingo ntirafatwa mugabo uko mubizi turiko tugerageza kuvugana n-ico gihugu c-urwanda kugira imigenderanire yari yaratosekaye kuva 2015 ishobore kunaguka , igende neza» Niko Albert Shingiro asigura, hari kuri radiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB.
Naho umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu avuga ukwo, Abanyagihugu batari bake basanzwe bahora bakora urudandazwa mu gihugu c-urwanda bavuye i Burundi, agashavu karaniga. Umwe muribo yahora akorera urudandazwa ku mupaka wa Ruhwa aratubwira ukwo yakiriye ivyashikirijwe na Leta y-uburundi :«Vyatubabaje cane kubera ko iyindi mipaka yose yuguruye muga uburundi bukaba butuguruye. Nkubu tukicumva irya nkuru nziza yuko urwanda rugiye kwugurura imipaka, twaciye tutangura gusaba amadeni mu mashirahamwe maze amahera twahawe duca turangura mandarine hamwe n-indimu tuzi yuko tuca twinjira mu Rwanda. Bigiye guca vyononekara sinzi yuko bamwe bamwe twosaba tukabijana i bujumbura turabe ko baduha n-igihumbi humbi kuko twumiwe»





Recent Comments