Kuki amajambo ya Perezida Ndayishimiye aryohera ugutwi ariko abuze ibikorwa biyaherekeza?

0

Kuva ashitse ku butegetsi kuwa 18 Ruheshi 2020, umukuru w-igihugu c-uburundi Ndayishimiye Evariste, amaze igihe ashikiriza  amajambo mu manama,  hamwe no mu bikorane vy-amasengesho biba vyateguwe n-umugambwe aturukamwo CNDD-FDD,  Eka ndetse no ku misi mikuru igihugu kiba kifise.   Ayo majambo Perezida Ndayishimiye akaba ayarabisha ku barundi ahandi ku gihugu asanzwe arongoye. Nkuko bamwe bamwe babivuga,Ayo majambo ashikirizwa nawe ngo agenda afise ico yisangije: ukuryohera ugutwi abarundi ariko akabura ibikorwa biyaherekeza.May be an image of 2 people and indoor

Uwo asanzwe ari kizigenza mu barundi, arakunzwe kukoresha imvugo ziryohera ndetse zinaremurura imitima y-abarundi iba isanzwe iruhijwe n-ibibazo biba bibahanze. Aha twovuga  nk-ikibazo c-ubukene busanzwe buhanze igice kinini c-abarundi aho Perezida Ndayishimiye agishika k-ubutegetsi yemereye abarundi ko umunwa wose uzoronka ico urya ndetse n-ico babika k-umufuko w-inyuma. Ariko ibiboneka nuko ingamba zo kurwanya ubukene n-inzara mu burundi biboneka ko bitari muvyashizwe muvyihutirwa gukorwa.   Umukuru w-igihugu c-uburundi Yarongeye avuga igihe yari mu gikorane c-amasengesho mu ntara ya Karuzi mu mwaka uheze wa 2020 ko Abagize Leta arongoye bahawe ikiringo c- indwi zibiri bazobe berekanye amatungo yabo, ijambo ryaryoheye cane abarundi batari bake kukubera bari biteze ugusezererwa kw-abategetsi bamwe bamwe bamenyerewe kubonwa bafise amatungo y-umurengera ndetse atanasiguritse. Ariko iryo jambo rya Perezida Ndayishimiye n-ubu ntirirashirwa mu ngiro ndetse yanahavuye aryivuguruzako mu kuvuga ko ubutunzi bw-umuntu ari akabanga kiwe kawenyene .Ntawo kwibagira amajambo yavuba aherutse gushikiriza mu ntara ya Gitega igihe yariko ashimira Imana umwaka umwe uhaciye ashikiye ubutegetsi aho mw-ico gikorane c-amasengesho Perezida Ndayishimiye yameze nkuwirega ku mana ndetse anagirako asaba ikigongwe mu kwemera ko  ku butegetsi bwiwe hagenda hakorwa amabi atandukanye  y-ubwicanyi, ukuhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu,ubunyonozi bw-amatungo ya Leta, n-ibindi n-ibindi,…Amajambo abarundi batari bake baryoherewe kubona umukuru w-igihugu ashoboye kwubahuka kuyavuga ni mugihe bikunzwe kuba akamizwe n-ingoma kuvy-ubwicanyi buguma buhekura abarundi n-uburundi mw-iki gihe, aha umuntu yovuga nk-itorwa ry-ibiziga mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi  ariko ntihagire na kimwe Leta Nkozi , Leta mvyeyi ibivugako.

Perezida Ndayishimiye yoba afise intambamyi iyihe kugira ntashire mu ngiro kuvyo aba yemereye abarundi?

Kubasanzwe bazi canke baragendanye cane na  Varisito Ndayishimiye ataraba umukuru w-igihugu c-uburundi bemeza ko bamuzi nk-umuntu afise ibiganza vyera  ugereranije na bamwe mu bagenzi biwe bafadikanije urugamba rwo kurwanira intwaro rusangi aho usanga bagenda badomwako urutoki mu madosiye y-ubwicanyi, ukunyonora ndetse no gusesagura amatungo ya Leta. Ikindi, ngo Perezida Ndayishimiye ni umuntu w-umunyabwoba ,afise impuhwe n-igihababu cinshi nk-uko vyigezwe kumenyeshwa na Leonidas Hatungimana umwe mubagendanye k-urugamba  na Varisito Ndayishimiye.

None hoba hari icizere ko  Perezida Ndayishimiye agiye kuza ashitsa ivyo yemereye abarundi?

Abatari bake babona ko bitomworohera gushira mu ngiro ku ngingo canke  ku majambo aba kenshi yatangarije abarundi.Ikiboneka nuko ufatiye ku bamwegereye mukurongora igihugu iki gihe aribo umushikiranganji wa mbere Gen. Alain-Guillaume Bunyoni hamwe na Gen.Gervais Ndirakobuca umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu, abo ukwari babiri basanzwe bafatwa nk-ibihangange bikomeye mu karwi k-abasirikare b-aba ˮgeneraux‟  nk-uko bivurwa nabari mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD  Ko kica kagakiza ku ngingo zose ziba zerekeye igihugu.