I kampala ,hari harindiranywe igishika kuri uyu wa 16 Ndamukiza 2013, ivyo umuhuza hagati ya M23 na Leta ya Congo Kinshasa abasaba vyofasha impande zose mu mugambi wo guhagarika intambara. Ariko n’ubu uwo mukono wo guhagarika intambara kuva muri Kigarama umwaka w’2012 gushika n’ubu nturaja mu ngiro.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Uganda, Crispus Kiyonga, yategerezwa gutanga ikirangaminsi c’ibikorwa kuri uyu wa kabiri cerekana uko ibikorwa biza kugenda, bakaba bose baronse isango ko ibikorwa bija gutangura igihe c’isaha 3 z’agatondo, ng’isaha zine mu nyuma y’umutaga, icakurikiye n’uko ata na kimwe cahavuye kiba ku musi w’ejo.
Uko kudahuza ku kirangaminsi ku mpande zose, biterwa n’ukutumvikana ku kibuga rusangi hagati ya Leta n’umuhari uyirwanya M23. Kubwa M23, biyumvira ko ico kiranga minsi gitebeshwa n’ukubera Congo Kinshasa ishaka ko ibikorwa vy’inteko za ONU bibandanya muri zimwe zifashijwe n’igisoda c’ico gihugu, abaserukira RDC muri ivyo biganiro bo bavuga ko barindiriye ingingo zizotangazwa n’umuhuza, kubw’abayirwanya bavuga ko atavyo bazi.
Impande zose zaramaze gutanga ivyiyumviro vyabo bipfuza ko vyoja mu masezarano yo guharika intambara. Leta isaba ko abayirwanya bohagarika intambara mu maguru masha. Kuwa 2 ku mugoroba Rene Abandi umwe mu barongoye M23 yamenyesheje kuri RFI mu giswahili ko abasoda biwe biteguye guhangana n’abasoda ba ONU.
Recent Comments