Kenya= Umugore yibarutse abana batanu ,igitangaro mw-ico gihugu.

0

Ni akanyamuneza kadasanzwe k-urundi ruhande nink-igitangaro kitari bwaboneke inyuma yaho kuruwu wa gatanu umunya kenya kazi yibarukiye abana batanu mu bitaro vy-akarere ka Kisi.Joy as woman gives birth to five babies at a Kisii hospital -  Citizentv.co.ke

Kubwa se w-abo bana batanu, Douglas Nyaoko amenyesha ko atavyo yari yiteze ko baza kwibaruka abana nkabo kuko bari barabwiwe ko bazokwibaruka abana bane mu gihe baheruka kuca kupimisha imbanyi muri vya vyuma bita Echographie. Niho we n-umuryango wiwe barwa mu gahundwe babonye abana batanu aribo bavutse eka n-abatari bake bumiwe bumvise iyo nkuru.

Inyuma yukwibaruka abo bana batanu, uwo muryango warufise abandi bana bane. Bakasaba ubufasha kuko ntibabona ukwo bagiye kuzotunga abo bana na nyaburya Douglas Nyaoko se wabo bana atunzwe n-ubuzima bwo kuza arisumamwo buri musi.