Kenya niyo irongoye akanama k’umuryango wa EAC mugabo ibibazo ni vyinshi mur’uyo muryango

0

Ivyo vyashitsweko kur’uyu wagatandatu mu nama y’Abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango w’ibihugu vya Afrika vyo mu buseruko. Aho ni mugihe igihugu c’Urwanda arico cari kimaze umwaka kirongoye ako kanama k’Abakuru bivyo bihugu bishika 5 ubu hakaba hiyongeyeko igihugu ca gatandatu arico Republika ya Congo iharanira Demokarasi.

 

Umunyabanga mukuru nawe wuyo muryango akaba yarahindutse akaba ubu ari umunyakenya yitwa Dr Peter Mathuki akaba yasubiriye umurundi Dr Liberat Mpfumukeko. Uburundi bukaba bwahawe kandi gutwara sentare ihuza ivyo bihugu vya EAC uwagenwe akaba yitwa Nestor Kayobera. Dr Peter Mathuki akaba azotangura amabanga yiwe itariki 25 ndamukiza 2021.

Ariko naho biruko ivyo bihugu bikaba vyari vyiyemeje kugurura imipaka ibidandazwa n’abantu bikarengana atakibazo ariko ubu imbibe nka nyinshi zivyo bihugu zirugaye hamwe kubera ikiza covid-19 ahandi kubera amatati ya politike n’umutekano biri hagati yivyo bihugu. Igihugu ca Congo kikaba kije gutanga agahengwe mukugurura imbibe zaco ariko ikiza covid-19 n’umutekano biracari ikibazo.