Kenny Claude Nduwimana yoba afungiwe mw’iperereza

0

Uwo mu menyeshamakuru azwi kuba atanga amakuru n’ubutumwa bucanishamwo akaba avuga ko atwara ikinyamakuru citwa Gahinyuza yoba ariko aratohozwako inkuru mu biro vy’iperereza. Kenny Claude Nduwimana akaba azwi mu gukurikirana ibikorwa vy’umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no gusubiza hamwe.

Abarongoye ibimenyeshamakuru barasavye ko uyo Claude Kenny Nduwimana yo kwakwa ikarata y’abamenyeshamakuru mbere n’ikinyamakuru ciwe kigahagarikwa kubera atanga amakuru n’ubutumwa bihengamye bishobora gucanishamwo abarundi ariko umurwi CNC ujejwe gucungera ibikorwa vy’abamenyeshamakuru n’umurwi CVR ntibashotse babikora, mbere bamwe bamwe bakaba baramuteye intege.

Amakuru ariko aradushikira akavuga ko Kenny Claude Nduwimana ariko arabazwa amakuru yashize ahabona y’amabanga y’ibikorwa vya CVR.

Mwomenya ko ibinyamakuru vyataye umurongo mu gihugu c’Urwanda biraheza bihamagarira abanyagihugu kumarana.