UBM News ads

Imyidogo ni myishi ku banyagihugu barondera impapuro z-inzira bita passport.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuronka impapuro z-inzira bita «passport» mu rurimi rw-igifaransa bisigaye bitoroshe mu burundi. Abazirondera bamenyesha ko bamaze amezi abiri batarazironswa. Ariko gushika ubu igipolisi kigenzura ibirere n-imbibe  bita PAFE arico kijejwe gutanga izo mpapuro ntanakimwe kiramenyesha ku bijanye n-iryo  kena ry-izo mpapuro z-inzira.Burundian passport - Wikipedia

Kuva mu ntango z-ukwezi kw-icumi k-umwaka w-2021 twaraye turangije, Abarondera impapuro z-inzira bita «passport». Abo barondera izo mpapuro z-inzira  bakavuga ko bigoye cane kuzironka. Uretse ababa baje kuzirondera  bihuta  cane bivanye  n-imvo zimwe zimwe , Abasigaye bararindira amaso agahera mu nzira.

Umwe mubamaze imisi arondera izo mpapuro aratwiganira ukwo bigoye  kuzironka :«kuva mu kwezi kw-icumi , kurondera passport ni nko guhiga umuzi w-ibuye. Abarishe amahera yayo nubu ntibarazironswa.Abantu baronka baza bafise ama urgences  nk-abarwayi  canke abagiye kwiga nibo bonyene baguma bazihabwa.Twebwe vyatuyobeye nukuri. Twabuze ayo ducira n-ayo tumira. Ntitubona ikiriko kibituma»

Nkuko bibandanya bivurwa n-abamaze imisi barondera izo mpapuro, , Bamenyesha ko ico kibazo coba catewe n-isubirizwa ry-abari batsindiye isoko ryo kuzikora .

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments