Ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD rirategekanijwe kuwa 23 Nzero 2023. Ayo makuru yizewe ndetse ava mwa bamwe mu bategetsi bo mw’uwo mugambwe, yemeza kandi ko ibizokwigirwa mw’iyo nama atabwo bizoba vyerekeye ugukura umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ,Reveriyano Ndikuriyo nkuko benshi bamaze imisi babivuga. Nyabuna ngo iyo nama ikaba izoba ibaye kugira hahinyanyurwe amategeko amwamwe y’uwo mugambwe hamwe rero no gusubiriza Joseph Ntakarutimana yahora ari icegera c’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe , ubu aheruka kugenwa ngo aserukire uburundi mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko, EALA.
Haraheze igihe hanurwanurwa ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD ryoba rigamije guhindura inzego z’uwo mugambwe . Ivyo mbere bikaba vyatanguye kuvurwa inyuma yaho Perezida Ndayishimiye abogoreje mu mabanga uwahora ari umushikiranganji wambere Alain –Guillaume Bunyoni n’abandi bategetsi batari bake bo muri CNDD-FDD.
Amakuru yo kwizera dukesha abategetsi bo muri CNDD-FDD , atumenyesha yuko vyukuri hariho ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe ritegekanijwe kuwa 29 Nzero 2023, Ariko rero ayo makuru amenyesha ko ata mugambi uhari ujanye no guhindura inzego bitegekanijwe , ahubwo ngo bizoba bitegekanijwe gusubiriza uwahoze ari icegera c’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Uwo nawe ni Joseph Ntakarutimana aheruka kugenwa mu mabanga y’ubushingamateka mu nama nshingamateka y’umuyango wa Afrika y’ubuseruko EALA . Ayo makuru avuga kandi hashobora no kuzoba ihinyagurwa ry’amategeko amwamwe agenga CNDD-FDD.
Ayo makuru rero aranabeshuza ivyari bimaze imisi bivurwa yuko hari icuka kibi hagati y’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye hamwe na Reveriyano Ndikuriyo asanzwe arongoye ikigihe umugambwe CNDD-FDD.
Recent Comments