Ikibazo ca Leta co mu mwaka wa gatandatu gikwiye kugarukanwa. Biri muvyasabwe n’ihuriro ry’amasendika y’abigisha ahurikiye mu runani COSSESONA ko vyoshikakwo n’inama rukokoma y’indero yarangiye kuri uyu wa kane.
Kubw’ayo masendika, Ikurwaho ry’ikibazo ca Leta co mu mwaka wa gatandatu ubu gisigaye gikorerwa mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro ryatumye amahirwe yo kwipima ku banyeshure agabanuka.
Victor Ndabaniwe arongoye COSSESONA yibaza ati :«None bwa buhizi bwaboneka mu bibazo vya Leta kubize kera ubu bwoboneka gute kandi bahiganirwa mu mwaka w’icenda bagasubira mu kibazo ca Leta gikorwa n’abageze kuja muri kaminuza?»
Abahurikiye mw’ayo masendika barasavye kandi ko hogarukanwa indinganizo z’ivyirwa vya kera kuko basanze bituma umunyeshure agira ubumenyi bukwiye bagereranije n’ubumenyi abanyeshure bo mu myaka iheze bari bafise kubera biga mw’izo ndinganizo za kera.





Recent Comments