Hasubiriye kwibonekeza ubukene bw’igitoro ahatari hake mu gihugu c’uburundi. Igisagara ca Bujumbura kikaba arico kiza ubwa mbere mukwibonekezamwo cane iryo bura ry’igitoro , aho ama sitasiyo menshi arangwamwo imirongo miremire y’imiduga itondeye igitoro. No mu ntara za Rumonge, Ngozi n’ahandi ubwo bukene bw’igitoro buhamaze ikiringo c’indwi imwe.
Abanyagisagara ca Bujumbura bavuga ko bamaze imisi birirwa barazunguruka igisagara baraba aho boronka igitoro. Iyo bagize Imana bakaronka sitasiyo igifise, baricara bagatekereza kuko imirongo aba ari miremire. Icibonekeza ariko, nuko amasitasiyo atanga igitoro ari hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura atakihari . Uyu mu nyagisagara twavuganye ati :”Imbere ya OTB, mu Nyakabiga, aha mu kamenge imodoka zari zitonze, aha kuri 28 Novembre nahone ukwonyene eka no muri centre-ville. Ni ibara twese twarengewe. Turibaza ukwo tugiye kubaho mw’iki gihugu igitoro atakiriho”Abo nyagasigara ca Bujumbura bavuga ko ubukene bw’igitoro bwasubiye kwibonekeza buhorobuhoro, ubu bikaba bigenda vyunyuka ukwo bukeye ukwo bwije.
No mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu, ubwo bukene bw’igitoro bwatanguye gusubira kwibonekeza. Nko mu ntara ya Ngozi, Haraheze hafi indwi Abagendesha imiduga n’ama pikipiki batakironka ku masitasiyo . Mu ntara ya Rumonge naho, Ico gitoro kiriko kiboneka ku masitasiyo amwamwe . Ariko mu ntara ya Gitega, Abahatuye bamenyesha ko ata ngorane y’igitoro bobo barasubira kubona.
Recent Comments